EMISSION

IKIGANIRO NTUSIGARE INYUMA

Ni gute amajambere ariko arahindura inyifato z’abarundikazi? Kwambara impuzu ngufi kumurundikazi harico bitwaye? Ni iyihe nyifato mu bijanye n’inyambaro ikwiye kuranga umurundikazi muri kino gihe c’amajambere? Kurikira iki kiganiro NTUSIGARE INYUMA uheze utahure vyinshi.

IKIGANIRO AMAGARA MEZA

Mu gihe indwara ya ebola ibandanya ivugwa mu gihugu ca Repubilika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo (RDC), mu gihugu c’uburundi gihana urubibe na RDC hariko hakorwa iki mu gukinga iyo ndwara? Mbega abanyagihugu bo mu Burundi baramaze kumenya ingene bashobora kwikingira indwara ya ebola? Umviriza iki kiganiro kugira umenye vyinshi.

IKIGANIRO C’IBIDUKIKIJE

Mu gihugu c’uburundi Ihindagurika ry’ibihe rirafise ingaruka ku burimyi. Bimwe mu bitegwa birimwa mu Burundi biriko birahindura ibice vy’igihugu vyahora birimwamwo. ivyo mbere birashika bigahubanya rimwe rimwe ubushakashatsi mu bijanye n’uburimyi. Ido n’ido ni muri kino kiganiro cerekeye ibidukikije

Magazine Inarugo mu Burundi

Le thème choisi porte sur la manière dont la femme accueillait le mari dans la tradition Burundaise: état des lieux à l’heure de la modernité et des témoignages des femmes qui gardent encore ce trait caractéristique du Burundi.

EMISSION BUJA TIME NA SAT B


Umuririnvyi Sat b: aratanga umuco kubiteramo ariko arakora muntara zitandukanye yise ^^NO LOVE Tour^^ akazuzuza ariwenyene atamunyamahanga arimwo akongera agashimira RADIO CULTURE koyamufashije vyishi muri Music yiwe gushika ubu.

EMISSION TURIME TWORORE


Miri kiganiro Turime tworore ,tuganira nabanyagihugu bahurikiye mugambi GARS wo mwishirahamwe OXFAM bafashwe mumugongo nikigega mpuzamakungu FIDA,bafatanije n’amashirahamwe CAPAD na ACCORD,uyomugambi  ukaba urangurirwa muntara za MAKAMBA Commune NYANZA-LAC na KAYAGORO,BUJUMBURA-RURAL Commune MUTIMBUZI na CIBITOKE muma Commune ya MUGINA na BUGANDA.

EMISSION – ICO UTABONYE ;BATUYAGIRA IVYABAYE KUBAMI BAKERA BO MU RWANDA NO MU BURUNDI.

EMISSION- AMAGARA MEZA KURI TWESE ; Batuyagira ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza mu rwaruka rwo mutara ya MUYINGA mukarere kubuvuzi ka GITERANYI.

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE