AfriqueCulture

Kutigisha ivyigwa vyose mu kirundi gushika muri za kaminuza mu Burundi ni agahombo ku gihugu

 

Ikirundi ni ururimi rudakoreshwa nk’uko bikwiye mu nyigisho mu Burundi. Icitwazo ngo ni uko kitikwiye ku buryo hoboneka amajambo akwiye yokoreshwa mu mashure no mu bushakashatsi.  Yamara abagize amatohoza baremeza ko ikirundi cikwiye gishobora gukoreshwa mu gutanga inyigisho ku ngero zose, ndetse no muri za kaminuza. Bati ahubwo ni itunga kiretse ko turisuzugura.

Abahinga bavuga ko ururimi rw’ikirundi ari ururimi rumaze imyaka irenga igihumbi. Ikirundi kandi kiravugwa no mu bihugu bihana urubibe n’uburundi. Ushitse mu bihugu bibanyi rurahindura uko rwitwa ; akarorero ujabutse kanyaru ruca rwitwa Ikinyarwanda, ujabutse Maragarazi rukitwa igiha. Yamara naho urwo rurimi rw’ikirundi rumaze imyaka ishika igihumbi yose, ntirukoreshwa mu nyigisho ku rugero rukwiye. Uko umunyeshure yigira imbere niko indimi zo mu bindi bihugu zingaza mu gutanga ivyigwa vyose bitangwa mu mashure.

Mugihugu c’uburundi, indimi z’igifaransa n’icongereza nizo ndimi zikoreshwa mu nyigisho za kaminuza. Ziranakoreshwa ndetse no munyigisho zihanitse gushika mu gice ca gatatu c’amashure ya kaminuza hamwe no bushakashatsi. Yamara twomenya ko izo ndimi mu kinjana ca cumi n’umunani na zonyene zitakoreshwa kuri urwo rugezo rw’inyigisho kuko zafatwa nk’indimi z’abanyagihugu, kavukire. Ururimi rw’ikiratini ni rwo rwakoreshwa mu bushakashatsi no munyigisho z’amakaminuza. Ibintu vyahindutse igihe ibihugu vyakoresha izo ndimi z’icongereza n’igifaransa nk’indimi kavukire bifatiye ingingo yo guhindura ivyanditswe mu kiratini muri izo ndimi zavyo.

Guhindura inyigisho mu rurimi kavukire bituma igihugu gitera imbere.

Ikibazo umuntu yibaza n’ukumenya niba inyigisho kuva mu mashure nshingiro gushika ku nyigisho zihanitse ku rugero rwa kaminuza zishobora guhindurwa zikanatangwa mu kirundi. Amakenga ya benshi n’uko ikirundi gikenye amajambo y’ubuhinga yokoreshwa mu vyigwa vy’ ibiharuro , mbere n’ibindi vyigwa vy’ubuhinga muri rusangi. Ariko abahinga mu rurimi rw’ikirundi berekana ko ururimi rw’ikirundi rufise amajambo akwiye yotuma ivyigwa kuva mu mashure nshingiro gushika no mu makaminuza bitangwa neza. Dr Denis Bukuru, Umwigisha muri kaminuza y’uburundi akaba n’umuhinga mu rurimi rw’ikirundi yongerako ko kugira igihugu gitere imbere mu bumenyi n’ubuhinga, kibanza gufata ubwo bumenyi n’ubuhinga bigahindurwa mu rurimi rw’abanyagihugu. Uyo muhinga yemeza ko no ngaha mu Burundi bishoboka.

 Kubwa Dr Denis Bukuru ubwa mbere hobanza gutororokanywa amajambo yose y’ubuhinga y’ururimi rw’ikirundi akandikwa. Iruhande y’ivyo, hakandikwa za kazinduzi z’ubumenyi n’ubuhinga mu bisata bitandukanye, amajambo ikirundi kidafise kikayatira muzindi ndimi. Ivyo kubwa Denis Bukuru vyoherekezwa n’ingingo za reta.

Amajambo afitaniye isano n’ivyigwa vy’ubuhinga yamye akoreshwa kuva kera mu rurimi rw’ikirundi n’abakurambere

Umuntu afatiye kw’ijambo « inkuba » asanga abarundi baho hambere baratahura icigwa c’ubuhinga citwa « physique » mu gifaransa. Nk’uko Dr Denis Bukuru abandanya abisigura, abarundi bamye batahura ko inkuba iri uburyo bubiri ; iyitwa « bushara » ariyo nkuba y’ingabo igereranywa n’akamenyetso (+), hamwe n’iyitwa « iyamakira » ariyo nkuba y’ingore igereranywa n’akamenyetso (−). Ba sogokuru batahura ko izo nkuba zibiri zidasangira igicu, kuko bishitse izo nkuba zigahura haca haboneka imiravyo n’imituragaro. Ba sogokuru bafata mbere ko umuyagankuba ari inkuba iyagije kugira bikunde icishwe mu rutsinga, kanatsinda urutsinga rwa « bushara » (+) ntigwigera rukoranako n’urutsinga rw’amakira (−), iyo bibaye haca hakaduka umuriro.

Akandi karorero n’uko ba sokuru bari bazi guca umuzingi bikagaragarira mu gikorwa co kubumba inkono no mu kubaka inzu z’imizingi (géometrie du cercle). Ndetse baraniyumvamwo igitigiri « ∏ » naho batari bazi kugiharura ; bikagaragarira mukujisha ibiseke, n’inkoko kuko bashobora kujisha igiseke n’umutemere wo kukirumya bihuye. Ivyo bikaba bitokunda hadakoreshejwe igitigiri « ∏ »,

Abarundi barakoresha amajambo y’ikirundi asigura ubuhinga batabizi. Ubu ni bumwe mu burorero bw’amajambo y’ikirundi, n’ico asigura mugifansa:

Amagenge : tangente

ubuhage   : sinus

uburambi : cosinus

inda : surface du cercle

indesho : diamètre du cercle

umukondo : centre du cercle

akava mukondo : Rayon du cercle

Naho ururimi rw’ikirundi rushobora gukoreshwa mukwigisha ivyigwa vyose, haracariho intambamyi. Yamara intambamyi nyamukuru kubw’umuhinga Dr Denis Bukuru si  « ubukene bw’ururimi rw’ikirundi, ariko ni ubukene bw ‘abarundi mu mitima no mu bwenge » ; kandi « ntituzi ko dufise itunga kuko turarisuzugura.  Ni nko kubaka inzu ku nzahabu tutazi ko tuzifise tukongera tukazigoranwa ».

Mu gihe haheze imyaka yababa ijana ururimi rw’ikirundi rutanguye kwandikwa, hafi ibice 43% vy’abanyagihugu ntibazi kugisoma no kucandika. Ibintu biri uko mu gihe itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/078 ryo ku wa 22 Rusama 2019 ryerekana mu ngingo yaryo ya 4, ko ikirundi gikoreshwa mukwigisha kuva mu wa mbere w’ishure shingiro gushika mu wa kane. Yamara  iyo ngingo igatomora ko ibiharuro mu mwaka wa kane bica bitangura kwigishwa mu rurimi rw’igifaransa.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53
WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE