{"id":10163,"date":"2019-12-31T05:06:26","date_gmt":"2019-12-31T12:06:26","guid":{"rendered":"http:\/\/indundi.com\/?p=10163"},"modified":"2019-12-31T05:06:26","modified_gmt":"2019-12-31T12:06:26","slug":"umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/","title":{"rendered":"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw&#8217;ijambo umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi yashikirije abarundi n&#8217;abakunzi b&#8217;Uburundi"},"content":{"rendered":"<p><a href=\"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/12\/IMG_20191231_113606.jpg\" rel=\"attachment wp-att-10165\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\"aligncenter wp-image-10165 size-full\" src=\"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/12\/IMG_20191231_113606.jpg\" alt=\"\" width=\"1024\" height=\"714\" \/><\/a><\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>Turasozereye umwaka w\u20192019, twinjiye mu mwaka mushasha w\u20192020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n\u2019Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y\u2019iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi.<\/p>\n<p>Umwaka w\u20192020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw\u2019igihugu c\u2019Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanye z\u2019igihugu, mu matora tudakekeranya ko azoba meza cane, kandi y\u2019intibagiranwa mu Mateka y\u2019Uburundi.<\/p>\n<p>Turararitse Abarundi bose bakwije ibisabwa n\u2019amategeko kuyitaba atawusigaye inyuma, dutore nk\u2019abitorera nk\u2019uko Icivugo c\u2019uyu mwaka mushasha kibishimangira kiti: \u201cTwitorere indongozi n\u2019imigambi nyayo, ni ryo terambere tunyotewe ridukomokako rikongera rikatugarukako\u201d.<\/p>\n<p>Turahojeje imiryango yabuze abayo kubera ibiza n\u2019isibe vyateye mu mpera z\u2019uwu mwaka urangiye, na cane mu makomine ya Mugina na Ntahangwa. Ntitwokwirengagiza gushimira abenegihugu babandanya kugaragaza umutima wo gushigikirana no gutabarana wamye uranga Abarundi.<\/p>\n<p>Biragaragara ko Inyigisho zo kuzirikana igihugu zafashije abenegihugu gutegera akamaro ko kwitwararika cane umutekano, kugwiza umwimbu, kwijukira amakoperative gushika ku rwego rw\u2019umutumba, kwitaho amagara yacu n\u2019ibidukikije, no kurangura imigambi y\u2019iterambere yisununuye; imigambi ishingiye kw\u2019iyerekwa rya Seburundi ari ryo: \u201cIteka ry\u2019Uburundi, n\u2019abuzukuruza\u201d. Abarundi barajijutse, baratahuye ko \u201cAk\u2019imuhana kaza imvura ihise\u201d; kandi ko \u201cAmazi masabano atamara imvyiro\u201d.<\/p>\n<p>Kubera ko Umutekano mu Burundi wifashe neza, tuzobandanya ibikorwa vyo gufasha kugarukana umutekano aho hose uzoba wahungabanye, tubisabwe n\u2019Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU canke Ishirahamwe ry\u2019Ubumwe bwa Afirika UA.<\/p>\n<p>Kugira tubishikeko, tuzobandanya kwitwarararika Inzego zijejwe kwivuna abansi no gucungera umutekano, zibe koko inzego zikwije, zikomeye, zifise ubushobozi bwo guhangana n\u2019uwo wese yohirahira akazihangara, Inzego zirangwa n\u2019ubwenge, ubumenyi, ubuhinga n\u2019ubukerebutsi kandi zijanye n\u2019ibihe.<\/p>\n<p>Hanze y\u2019igihugu na ho, muri Sentare yo mu Muryango w&#8217;Ibihugu vyo muri Afirika y&#8217;Ubuseruko (EAC), Reta y&#8217;Uburundi yaratsinze urubanza rwemeza ko ukwitoza mu kibanza c\u2019Umukuru w\u2019igihugu mu mwaka w\u20192015 kwakurikije amategeko, iremeza kandi ko ihagarikwa ry\u2019amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amwe amwe ata tegeko na rimwe ryahonyanzwe.<\/p>\n<p>Amahoro ntiyosasagara mu gihe Abantu borara batubitse umukanda. Nkako, &#8220;Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo&#8221;. Ni co gituma Reta yateguye imigambi yo kugwiza umwimbu kugira turwanye inzara. Muri iyo ntumbero, ihinguriro rishasha ry\u2019intabire FOMI ririko rirakora bishimishije, rikaba ryahinguye amatoni arenga 54.000 y\u2019intabire n\u2019amatoni arenga 10.600 y\u2019ishwagara. Reta ikaba yaraterereye kugira abenegihugu baronke intabire ku giciro kitavuna.<\/p>\n<p>Mu bijanye n\u2019ubworozi naho haratanzwe inka za kijambere 3.800, impene 38.376, ingurube 15.428, inkoko zirenga 80.000, n\u2019ibindi. Igisata co kworora amafi kikaba na co nyene carateye imbere.<\/p>\n<p>Mu bijanye n\u2019ibiterwa njabukamazi, himbuwe amatoni 10.803 y\u2019icayi, ayashika 10.366 aragurishwa amadorari 22.457.469. Himbuwe kandi amatoni 19.187 y&#8217;ikawa, hashorwamwo amatoni 18.332 ku madolari 47.433.656. Iki gisata kikaba kiriko kiranagurwa kugira umwimbu n\u2019amahera mpuzamakungu vyiyongere kandi abarimyi b&#8217;ico giterwa baronke akarusho kisununuye ku mwimbu baba baronse kandi batarinze gutama.<\/p>\n<p>Kugira abenegihugu boroherwe mu kurangura imigambi yabo, haratangujwe ibikorwa vyo kwubaka ingomero z&#8217;umuyagankuba ku nzuzi za Jiji-Mulembwe na Ruzibazi. Ibikorwa vyo kwubaka ingomero z\u2019umuyagankuba za Mpanda, Kaburantwa, Ruzibazi na Kirasa; hamwe n\u2019ingomero z\u2019umuyagankuba mpuzakarere za Rusumo na Ruzizi ya gatatu, co kimwe n\u2019Umuyagankuba ukomoka ku zuba, ku Mubuga bizobandanya.<\/p>\n<p>Umuyagankuba dusanganywe warakwiragijwe mu micungararo y&#8217;igisagara ca Bujumbura nko mu Kiyange, Tenga, Gatunguru, Maramvya, Buterere, Kajaga na Gihanga. Umuyagankuba uzogenda wongerezwa no hagati mu gihugu, kugira ufashe abarangura ibikorwa bisaba umuyagankuba.<\/p>\n<p>Igisata c\u2019ubutare n\u2019agataka carateye intambwe ishimishije cane. Umwimbu wiyongereye ku bice 32%. Nkako, mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari y\u2019Abanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwaka w\u20192018, mu mwaka w\u20192019 cinjije amadorari y\u2019Abanyamerika yababa imiriyoni 78.<\/p>\n<p>Iyindi nkuru nziza muri ico gisata ni uko Ubutare bwa Coltan n\u2019ubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara buzotangura kwimbwa mu mwaka buca dutangura, mu gihe ibikorwa vyo kumenya urugero rw\u2019ubutare bubarizwa kuri Waga, Nyabikere na Mukanda bizosozerwa mu mwaka buca dutangura.<\/p>\n<p>Igisata kijejwe amakori n\u2019amatagisi kibandanya gitera imbere nk\u2019umuzinga. Mu mwaka w\u20192019, ikigo OBR cari citeze gutororokanya amahera yababa imiriyaridi 808. Ayo mahera yararenze kure n\u2019iyo, kuko hatororokanijwe ayarenga imiriyaridi 990. Tugereranije n\u2019umwimbu wo mu mwaka w\u20192018, uno mwaka habonetse akarusho kababa imiriyaridi 153; ni ukuvuga hafi ibice 20% vyiyongereye.<\/p>\n<p>Turashimiye Imana y\u2019Uburundi yama iduha ibirengeye ivyo twayisavye, kandi turakeje abarongoye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n\u2019amatagisi, tutibagiye abakozi baco ku mwete n\u2019ubwira badahengeshanya kugaragaza.<\/p>\n<p>Mu bijanye n&#8217;indero, harabaye utwigoro twinshi two kugarukira indero n\u2019inyigisho mw\u2019ihangiro ryo kunagura indero kavukire ishingiye ku mico kama y\u2019abarundi, inyigisho z\u2019akanovera kandi zijanye n\u2019ibihe. Ico gikorwa ciza kirabandanya. Dusavye Abarundi bose, ababa mu Burundi no hanze y\u2019igihugu kugira rwabo ibibazo vy\u2019indero n\u2019inyigisho.<\/p>\n<p>Muri uyu mwaka dutanguye, ivyo twimirije kurangura ni vyinshi:<\/p>\n<p>\u2022 Mu ntango z\u2019uno mwaka, abarimyi n\u2019aborozi bahora batama mu kuronswa ingurane bagiye kwiruhutsa. Ibanki y\u2019Uburimyi n\u2019Ubworozi igiye gutangura ibikorwa, kandi Reta izoba iyifisemwo umutahe mu ntumbero yo guhagararira inyungu z\u2019abenegihugu. Akarusho kazanywe n\u2019iyo banki, ni inyungu zitavuna kubasaba ingurane ugereranije n\u2019ayandi ma banki. Akandi karusho ni uko iyo banki itazosaba ingwati abarimyi n\u2019aborozi nk\u2019uko ayandi ma banki asanzwe abikora. Turakeje abagwizatunga bayiyumviriye, twongera dutera akamo abandi bagwizatunga ngo bahurumbire kurusha igisata c\u2019uburimyi n\u2019ubworozi wo mushinge w\u2019iterambere.<\/p>\n<p>\u2022 Tuzobandanya inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu mu ntara zisigaye n\u2019ibisata bitandukanye.<\/p>\n<p>\u2022 Mu kwezi kwa Rusama Tuzokwitorera indongozi zacu;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzobandanya kwubaka ingomero z&#8217;umuyagankuba;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzonagura igisata c&#8217;ikawa, icayi n\u2019ibindi biterwa njabukamazi;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzobandanya guhangana n\u2019ihindagurika ry&#8217;ibihe mu gutera ibiti vyinshi mu gihugu cose no ku nkengera z&#8217;ibiyaga n\u2019inzuzi muri wa mugambi &#8221; Ewe Burundi Urambaye&#8221;;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzoshigikira amakoperative yo ku mitumba yose y&#8217;igihugu;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzobandanya kwigisha urwaruka kurwanya ubunebwe no gukingira imico kama yacu;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzorwanya twivuye inyuma urudandazwa rwo mu binywabi n&#8217;ingeso mbi y&#8217;igiturire no gusesagura itunga rusangi;<\/p>\n<p>\u2022 Tuzocungera kurusha imbibe z\u2019Uburundi twongere dukomeze imigenderanire no gufashanya.<\/p>\n<p>\u2022 Tuzobandanya kwifatanya n\u2019amakungu mu kurwanya imigwi y\u2019iterabwoba.<\/p>\n<p>\u2022 Tuzoshinga n\u2019ibanki y\u2019abakenyezi.<\/p>\n<p>Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n\u2019itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y\u2019114 y\u2019Ibwirizwa Shingiro, turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n\u2019abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c\u2019ikiringo bakatiwe. Ikigongwe kuri abo bose tudondaguye cisunga uburemere bw\u2019ivyaha bagirizwa n\u2019inyifato yabo mu mabohero barimwo.<\/p>\n<p>Mu gusozera, Turasubiye kuremesha Abarundi n\u2019amakungu ko amatora azogenda neza cane gusumba ayo tumaze gutunganya yose, Imana Mushoboravyose ni yo Cabona.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; Turasozereye umwaka w\u20192019, twinjiye mu mwaka mushasha w\u20192020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n\u2019Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y\u2019iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi. Umwaka w\u20192020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw\u2019igihugu c\u2019Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanye z\u2019igihugu, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[518,515,519,617,538],"tags":[],"class_list":["post-10163","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-burundi","category-homepage","category-kirundi","category-politics","category-promoted"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v21.3 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw&#039;ijambo umukuru w&#039;igihugu c&#039;Uburundi yashikirije abarundi n&#039;abakunzi b&#039;Uburundi - Indundi Culture | Magazine<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw&#039;ijambo umukuru w&#039;igihugu c&#039;Uburundi yashikirije abarundi n&#039;abakunzi b&#039;Uburundi - Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; Turasozereye umwaka w\u20192019, twinjiye mu mwaka mushasha w\u20192020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n\u2019Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y\u2019iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi. Umwaka w\u20192020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw\u2019igihugu c\u2019Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanye z\u2019igihugu, [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2019-12-31T12:06:26+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/12\/IMG_20191231_113606.jpg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"admin\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"admin\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"5 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/\",\"name\":\"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw'ijambo umukuru w'igihugu c'Uburundi yashikirije abarundi n'abakunzi b'Uburundi - Indundi Culture | Magazine\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\"},\"datePublished\":\"2019-12-31T12:06:26+00:00\",\"dateModified\":\"2019-12-31T12:06:26+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw&#8217;ijambo umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi yashikirije abarundi n&#8217;abakunzi b&#8217;Uburundi\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\",\"name\":\"Indundi Culture | Magazine\",\"description\":\"Burundi Entertainment\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":\"required name=search_term_string\"}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87\",\"name\":\"admin\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"contentUrl\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"caption\":\"admin\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/bagenzinet.com\/INDUNDI\"],\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/admin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw'ijambo umukuru w'igihugu c'Uburundi yashikirije abarundi n'abakunzi b'Uburundi - Indundi Culture | Magazine","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw'ijambo umukuru w'igihugu c'Uburundi yashikirije abarundi n'abakunzi b'Uburundi - Indundi Culture | Magazine","og_description":"Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; Turasozereye umwaka w\u20192019, twinjiye mu mwaka mushasha w\u20192020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n\u2019Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y\u2019iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi. Umwaka w\u20192020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw\u2019igihugu c\u2019Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanye z\u2019igihugu, [&hellip;]","og_url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/","og_site_name":"Indundi Culture | Magazine","article_published_time":"2019-12-31T12:06:26+00:00","og_image":[{"url":"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/12\/IMG_20191231_113606.jpg"}],"author":"admin","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"admin","Est. reading time":"5 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/","name":"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw'ijambo umukuru w'igihugu c'Uburundi yashikirije abarundi n'abakunzi b'Uburundi - Indundi Culture | Magazine","isPartOf":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website"},"datePublished":"2019-12-31T12:06:26+00:00","dateModified":"2019-12-31T12:06:26+00:00","author":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/umwaka-mushasha-2020-zimwe-mu-ngingo-ziri-mwijambo-umukuru-wigihugu-cuburundi-yashikirije-abarundi-nabakunzi-buburundi\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw&#8217;ijambo umukuru w&#8217;igihugu c&#8217;Uburundi yashikirije abarundi n&#8217;abakunzi b&#8217;Uburundi"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/","name":"Indundi Culture | Magazine","description":"Burundi Entertainment","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}"},"query-input":"required name=search_term_string"}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87","name":"admin","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/","url":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","contentUrl":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","caption":"admin"},"sameAs":["https:\/\/bagenzinet.com\/INDUNDI"],"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/admin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10163","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=10163"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10163\/revisions"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=10163"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=10163"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=10163"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}