{"id":18297,"date":"2020-06-30T16:36:34","date_gmt":"2020-06-30T16:36:34","guid":{"rendered":"https:\/\/indundi.com\/?p=18297"},"modified":"2020-06-30T16:36:57","modified_gmt":"2020-06-30T16:36:57","slug":"burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/","title":{"rendered":"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira"},"content":{"rendered":"<p><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\"aligncenter wp-image-18302 size-full\" src=\"https:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2020\/06\/President-Neva.jpg\" alt=\"\" width=\"1024\" height=\"682\" \/><\/p>\n<p>Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo rijanye n\u2019uwo musi udasanzwe agira ati :<\/p>\n<p>\u201cBarundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<br \/>\n1. Imyaka mirongo itanu n&#8217;umunani irarumanye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kiyibereye. Tuyisabe idutere intege, iduhe ubwenge n&#8217;ubwitonzi, turi hamwe twese mu runani rw&#8217;intamenwa, dukore dutsimbataze Intahe y&#8217;ukwikukira, kandi birashoboka.<\/p>\n<p>2. Uyu musi mukuru ubaye turi mu mubabaro ntangere, umubabaro ukomoka ku rupfu giturumbuka rw\u2019Umukuru w\u2019igihugu cacu Nyenicubahiro Nkurunziza Petero, yabaye Imboneza mu gutsimbataza Intahe y&#8217;ukwikukira. Dusabe Imana Mushoboravyose imuronse uburuhukiro budahera mu birimba vy\u2019Ijuru.<\/p>\n<p>3. Duhimbaje kandi uyu musi mukuru mu gihe isi yose iyo iva ikagera yugarijwe n\u2019ikiza-karanda Korona, ico na co mukaba muzi ko kibuza abantu kwishira bakizana. \u00abIbuye riserutse ntiryica isuka\u00bb, kandi \u00abUmugabo atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye\u00bb. Guhera uyu musi nyene, twahagurukiye ico kiza gushika kiranduranywe n\u2019imizi.<\/p>\n<p>4. Tuwuhimbaje kandi duheruka mu matora y&#8217;Umukuru w&#8217;igihugu, ay&#8217;abashingamateka n&#8217;ay&#8217;abajenama ba komine, yose uko ari atatu abera rimwe, hakoreshejwe uburyo bw\u2019Abarundi ubwabo, yitabwa ku rugero rutari bwashikirwe mu gihugu cacu, aba ku mugaragaro ata gitsure c\u2019abakoroni, kandi agenda neza mu nteguro, no mu vyayavuyemwo.<br \/>\nKwishingira intwaro mw\u2019itekane ry\u2019abenegihugu kikaba ari kimwe mu bimenyetso bikomeye vyerekana ukwikukira kw\u2019igihugu.<\/p>\n<p>5. Tuwuhimbaje kandi Umukuru w&#8217;Igihugu mushasha aherutse gushikira ku mugaragaro amabanga yo kurongora Igihugu. Ibirori vyo kumwimika biba ishengero rikoranye, arahirira imbere y&#8217;Imana n&#8217;abenegihugu, abari mu migambwe n&#8217;abatari muri yo, abamutoye n&#8217;abatamutoye, abaserukira ibihugu vyabo n\u2019amashirahamwe mpuzamakungu, tutibagiye n&#8217;abashitsi b\u2019iteka bavuye mu bindi bihugu.<\/p>\n<p>6. Ikindi gikorwa gihambaye kijanye no gutsimbataza Intahe y\u2019Ukwikukira, kwabaye ukugena no gutanguza ibikorwa vy\u2019abagize Reta y\u2019Uburundi yaraye ishikirijwe Abarundi n\u2019amakungu. Ivyo vyose vyakozwe mu bwigenge ntangere, hisunzwe amateka n\u2019amategeko y\u2019Uburundi.<\/p>\n<p>7. Turipfurije rero Abarundi bose aho bari hose, mu gihugu canke mu mahanga umusi mukuru mwiza, umusi mukuru w\u2019akanyamuneza. Twiyumanganye n\u2019aho turi mu mubabaro, twongere tuwuhimbaze twibuka incungu y\u2019Intahe y&#8217;ukwikukira Umuganwa Rwagasore Rudoviko, abamufashije urugamba, hamwe n\u2019intwari zagize uruhara mu gutsimbataza Intahe y\u2019Ukwikukira nka Ndadaye Melikiyoro na Nkurunziza Petero.<br \/>\n8. Uyu musi mukuru tuwuhimbaje twishimikije iki civugo: \u00ab Ivyo nkora vyose, ni vyo bihesha ishusho Uburundi bwacu\u00bb. Tuzirikane rero ko icipfuzo ca mbere kiri mu Ndirimbo Ndangabuhizi y\u2019Iguhugu cacu, ari co : \u00abShinga icumu mu mashinga, gaba intahe y\u2019ubugabo ku bugingo\u00bb, gishirwa mu ngiro n\u2019ivyo dukora, ivyo tuvuga, n\u2019inyifato yacu. Amakungu azotwubaha twiyubahirije kuko \u00ab Umuntu yubahirwa ico bamubonamwo\u00bb. ni muze rero dukore kandi tuvuge ibitera Iteka Uburundi, twamirire kure ico cose coza gikoza isoni Igihugu cacu.<\/p>\n<p>9. Ako kamo ko gushinga icumu mu mashinga tubicishije mu gukora ibihesha ishusho nziza Uburundi bwacu, gaterwa Abarundi twese ata n\u2019umwe asigaye inyuma, baba abari hagati mu gihugu, abakandizi b\u2019Uburundi mu makungu, ndetse n\u2019abarangurira imirimo itandukanye mu makungu.<br \/>\nUmwe wese akore ibikorwa kandi arangwe n\u2019inyifato n\u2019imvugo bihesha Iteka n\u2019Icubahiro Uburundi. Twamize ku muzirikanyi wa mwibutsa wa basokuru ngo : \u00ab Urera nabi ugatukwa n\u2019abakwe \u00bb.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>10. Bamwe mwaravyiboneye, abandi mwaravyumvise mu biyago, abandi mwarabisomye. Urugamba rwo guhabuza Intahe y\u2019ukwikukira ntirwari rworoshe namba. Ariko kubera Imana Mushoboravyose yagiye imbere Uburundi n&#8217;Abarundi, bararurwanye bagirako bararutsinda.<\/p>\n<p>11. Uguhabuza intahe y\u2019ukwikukira kwarababaje abakoroni n\u2019Abarundi b\u2019ibihemu na ba ndayamutaye. Nkako, abo tubabwiye Intahe y\u2019ukwikukira yabakuye amata mu kanwa kuko ivy\u2019igihugu vyose vyari vyarabaye nka gwabo, ari na co gituma ataco batakoze kugira ukwishira n\u2019ukwizana kw\u2019Abarundi kuzimangane burundu.<\/p>\n<p>12. Dutereje amaso inyuma muri kahise k&#8217;Igihugu cacu, dusanga intahe y&#8217;ukwikukira yama igarukira aho rwotera izuba, intwaro ya demokarasi yoyishigikiye ikama inigirwa mu menshi, amahoro n\u2019umutekano bigahungabana kenshi, intwaro z\u2019agahotoro n\u2019agacinyizo zikiganza, Ubutungane, agateka ka zina muntu n\u2019amategeko bigahonyangwa.<\/p>\n<p>13. Inkurikizi z\u2019ivyo vyose kukaba kwabaye ukurara rubunda, guhunga igihugu c\u2019amavukiro, isinzikara ry\u2019ubutunzi rusangi n\u2019ayandi mahano yahanze Uburundi. Ikibabaje kuruta ibindi vyose, ni amaraso ya beneburundi b&#8217;intungane yasesetse kenshi.<\/p>\n<p>14. Agahengwe katanguye kuboneka kuva mu mwaka w&#8217;2005, aho twinjiriye mu ntwaro ya demokarasi itari iy&#8217;uruhendo, gushika aho twese twumva ko tugize igihugu kimwe, umuryango umwe, aho twipfuza ko duteye imbere dutera imbere twese kandi dufatanye mu nda, tuzi ko turi abana b\u2019igihugu kimwe, dusangiye gupfa no gukira.<br \/>\n15. Naho injavyi zabandanije zitoba, twarabandanije urugendo rugana muri demokarasi y&#8217;ukuri, ishigikira intahe y&#8217;ukwikukira, kanatsinda, \u00ab Amaso y&#8217;ibikere ntabuza abavoma \u00bb, kandi ngo : \u00abImvura irahinda ntibuza abasenya \u00bb.<\/p>\n<p>16. Kuva mu mwaka w\u20192005, haribonekeje umwitwarariko udasanzwe wo guhagararira, kubungabunga no gutsimbataza Intahe y&#8217;ukwikukira. Ivyo bibonekera cane cane mu nyigisho zo kuzirikana Igihugu, gukomeza urukundo n&#8217;ubumwe muri Beneburundi, kubumbatira umutekano, gukingira ubutunzi bw\u2019Igihugu, guharanira no guhagararira inyungu z\u2019Igihugu, hamwe no guteza imbere Igihugu.<\/p>\n<p>17. Izo nyigisho zatanzwe mu gihugu cose, mu bisata no migwi itandukanye igize ubuzima bw\u2019Igihugu cose. Zaradufashije kumenya amateka n\u2019Amabanga vy\u2019Igihugu, turamenya iyo tuva n&#8217;iyo tuja, turagaruka kw\u2019is\u00f4ko ry\u2019Iteka n\u2019Itekane vy\u2019Igihugu, ku karanga n\u2019akarangamutima k\u2019Umurundi kama.<\/p>\n<p>18. Ubu turabona ko Abarundi batari bake bamaze kuvavanura n\u2019agatima ko gutuka no gutyoza igihugu cabo. Mbere ubu urabona ko nka bose banezererewe Igihugu cabo. Iri ni Iragi ryiza dukesha Umuhisi Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero. Dusaba zina Murundi wese kwama azirikana iryo ragi, yongere arigendere mu mvugo no mu ngiro.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>19. Ego ni vyo Intahe y&#8217;ukwikukira imbere ya vyose ihera ku kwiganzura agacinyizo, agahotoro n\u2019agahahazo ka ba kavantara, hanyuma tukishingira intwaro itubereye, ijanye n\u2019ivyipfuzo n\u2019imico yacu. Yamara rero, Uburundi ntibwoshinga icumu mu mashinga butubatse imigenderanire myiza n\u2019ibindi bihugu n&#8217;amashirahamwe mpuzamakungu.<\/p>\n<p>20. Turazi kandi turazirikana ko \u00abIsi idasakaye, kandi ko bwuguruje ku mubanyi iwawe buba bukeye\u00bb. Akarorero ka hafi ni iki kiza karanda Korona. Catanguriye ku muntu umwe, mu gihugu kimwe, ariko uno musi cararandagase isi yose, kandi inzira irashe yo kugitsinda ni uko ata muntu n\u2019umwe canke igihugu na kimwe cokwigira sindabibazwa.<\/p>\n<p>21. Iruhande y\u2019ibiza bitazira umwe, biramaze kugaragara ko ihindagurika ry\u2019ibihe n\u2019ingaruka mbi zibiherekeza zikomoka ahanini ku mahinguriro y\u2019ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, ariko izo ngaruka mbi zimeze nka ya nkuba irabije utagira ngo mara abansi kuko n\u2019umukunzi birajana. Iyo ibihe bihindutse, akayaga keza kagakena, bizanira ingaruka mbi abantu bo kwisi yose.<br \/>\n22. Amakungu rero ni twese ata n\u2019umwe avuyemwo, dutegerezwa gukorana ata bugunge n\u2019uburyarya, tugasenyera ku mugozi umwe, tukazirikana ko dusangiye ugupfa n\u2019ugukira. Imbere y\u2019ibibazo biraba isi, ntakwimbana mu mizi canke ngo tubone ko ari vyiza ko \u00abUmwana w\u2019uwundi yimba aguhisha ivu\u00bb.<\/p>\n<p>23. Ng\u2019ico icatumye twitwararika imigenderanire, tukarondera abagenzi b&#8217;ukuri mu mpande zose z&#8217;isi, ba bandryatuyaga na bo turab\u00eer\u00eenda. Kukaba nkako, turazirikana na ntaryo ko \u00abAgafuni kabagara ubumwe ari akarenge\u00bb, ko \u00abIminwe iryoha inyuranye\u00bb, ariko ntitwiyobagiza ko \u00abUwutokuvuna yokuva inyuma\u00bb !<\/p>\n<p>24. Vyongeye, gushinga icumu mu mashinga ntivyizana biraronderwa. Na kare ngo \u00ab Ntawuterwa iteka atekeye mu vyatsi \u00bb, kanatsinda \u00ab Uwushaka iteka araritekerera \u00bb. Uno musi kubona hari ibihugu vyaduciriyeko iteka biteretse, ibindi bikadutobera is\u00f4ko ariko tukabandanya tubaho, mbere tukabaho neza kuruta imbere y\u2019aho, ni ikimenyamenya ko tw\u0103nag\u016btse, ko twasubiranye rya teka ryo kwigaba tukigaburira, kanatsinda ubu dufise n\u2019ishishiro ridushikana mu rubanza tutari abavumvyi, ariko turi abatumire bahire.<\/p>\n<p>25. Uko ni kwo twashoboye kwitaba akamo twatewe n\u2019Amashirahamwe Mpuzamakungu, turatabara mu bihugu bitandukanye, amahoro n\u2019Umutekano vyahungabanye. N\u2019ubu tukaba turiko turafashanya n\u2019ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kugarukana amahoro mu gihugu ca Repuburika ya Centrafrique, tukongera tugafasha ishirahamwe ry\u2019ubumwe bwa Afirika mu kugarukana amahoro mu gihugu ca Somariya.<\/p>\n<p>26. N\u2019ubu nibatabaza Uburundi, tuzokwitaba akamo kuko dusigaye turi abazimyamuriro b\u2019amakungu. Ico gikorwa c\u2019Iteka catumye Uburundi bushinga icumu mu mashinga, kandi bwabaye Ubutumwa turungikiye Isi yose ko turi magiriranire, ko twaremewe gufashanya tutaremewe gufashwa.<\/p>\n<p>27. Ba sokuru barayamaze ngo \u00ab Ntawuhomera iyiyonka \u00bb, barongera bati \u00ab Nt\u0101 mp\u0113r\u00e1 y\u2019umurozi \u00bb, ahandi bati \u00ab Inda mbi ntiyengerwa \u00bb.<\/p>\n<p>28. N\u2019aho twakoze ibishoboka vyose ngo tubanire neza ibindi bihugu nk\u2019abazimyamuriro n\u2019abakunzi b\u2019igisimbamwavu, hariho ababirengejeko uruho rw\u2019amazi baratudurumbanya, barambika ibara Uburundi n\u2019Indongonzi zabwo, bakorera inteba ishushe Igihugu cacu, bagifatira ingingo z\u2019akarenganyo n\u2019agahotoro, ivyo vyose bakabikora bihetse kuri benewacu bataye umurongo.<\/p>\n<p>29. Abo duhejeje kuvuga birya akara ngo biraheze baratunyaze Intahe y\u2019ukwikukira, bakibagirako ko \u00ab Igiti gikurira mu babaji \u00bb, canke ko \u00ab Agati gateretswe n\u2019Imana kadahenurwa n\u2019umuyaga \u00bb.<br \/>\n30. Muribuka namwe ingene bagerageje gutembagaza inzego zitorewe n&#8217;abenegihugu mu mwaka w&#8217;2015 Imana igakinga. N&#8217;ejo n&#8217;ejo bundi, tubimenye kandi tubimenyere, kirazira kikaziririzwa kuvuguruza Ijambo ryapfunditswe n\u2019abenegihugu biciye mu matora.<\/p>\n<p>31. Turashimiye Inzego zijejwe Umutekano, izijejwe kwivuna abansi, hamwe n\u2019Abarundi bose bahagaze rugabo mu gutesha inkorabara zashatse kutunyaga Intahe y\u2019ukwikukira. Ariko ngo atagapfuye, ntagakira, abo babisha baratwigishije gukunda igihugu no kugicungera kuko turazi ko atakwiyanjanjwako, ko igihugu ari ukukirarira ijoro n\u2019umurango. Ni muri iyo ntumbero nsubiye gutera intege Abarundi bose, kwumva no gutegera akamaro ku guteramira igihugu duciye kuri za nyabune.<br \/>\n32. Turashimiye kandi Ibihugu n&#8217;Amashirahamwe Mpuzamakungu vyafashije mu kubeshuza no kwiyamiriza ibinyoma n&#8217;amarementanya vyariko birakorerwa Uburundi. Ubu tukaba twaramaze kwerekana ubugabo bwacu muguhagararira amahoro no gutunganya intwaro ibereye Abarundi, ko rero ishirahamwe ONU ryokwumva ko tutakiri ku ntambwe yo kuturereka ico dukora, ahubwo hageze ko dukorana mu bibazo biraba iterambere rirama kandi ridakumira.<\/p>\n<p>33. Turasubiye kumenyesha amakungu ko imiry\u00e2ngo y\u2019Uburundi yuguruye, abipfuza gufashanya n\u2019Uburundi bose barahawe ikaze kuko turafise ivyo twokorana. Ariko baze bazi ko twipfuza gukorana twisunze amategeko mpuzamakungu agenga imigenderanire n\u2019ugufashanya.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<br \/>\n34. Imbere y\u2019umuzo w\u2019abakoroni, Uburundi bwari Ubwami buramutswa abaganwa n\u2019abagabo bigaba bakigaburira, Ubwami bwikwije mu bisata bitandukanye, Ubwami butera imbere nk\u2019umuzinga uko bukeye uko bwije.<br \/>\n35. Bwari Ubwami bwiganjemwo amahoro, umutekano n\u2019impore. Uburundi bumaze kugwa mu minwe y\u2019abakoroni, niho bwaciye butangura gusubira inyuma nk\u2019ibirenge, butakaza iteka n\u2019itekane mu bisata vyose, amaraso n\u2019amarira bisubirira amata n\u2019ubuki.<\/p>\n<p>36. Inyuma yo guhabuza Intahe y\u2019ukwikukira, imyaka 43 yose yaraheze iraherengetera Uburundi bugoyagoya, bugwa buvyuka. Yamara bwarapfunywe ntibwapfuye, bwarahabishijwe ntibwahababuka. Igihe kigeze bwahagurukanye Ubugabo burikunkumura akabi, busubira kuramutswa Intahe n\u2019ibihugu. Rya Shaka n\u2019Ubuhizi vyaragaragaye kuva mu mwaka w\u20192005, Uburundi burasanurwa bwongera burasanasanwa.<\/p>\n<p>37. Iruhande yo gusanura ivyasambutse, guhumuriza no gusanasana imitima yatuntuye, iterambere ryarasubiye kwibonekeza mu bisata vyose bigize ubuzima bw\u2019Igihugu, Abarundi twarakubise i Bweru twibuka ubwenge, benshi mu bari bahunze igihugu barahunguka, mbere abatari bake bahungukana ubwenge, ubumenyi n\u2019imitahe vyagize uruhara rudasanzwe mu kuzamura Ubutunzi, Ubuhinga n\u2019Ubumenyi bw\u2019Uburundi bwari bwasinzikaye umwanya muremure.<\/p>\n<p>38. Ivyo vyaherekejwe n\u2019Ingingo kivyeyi zifise intumbero yo kuramira Abenegihugu biciye mu gusabikaniriza Abarundi bose umwimbu ata mwana n\u2019ikinono, Abarundi dusubira gusangira ikivi n\u2019ikigega nk\u2019uko vyari bimeze imbere y\u2019umuzo w\u2019abakoroni.<br \/>\n39. Akarorero ni amashure n&#8217;ibitaro vyinshi vyubatswe, bica bijana n&#8217;ingingo nziza zashimishe abenegihugu bose n&#8217;amakungu, zo kwigisha ku buntu abana bo mu mashure y&#8217;intango, no kuvura ku buntu abana bari munsi y&#8217;imyaka itanu, n&#8217;abakenyezi bibarukiye mu bitaro canke mu mavuriro vya Reta. Ivyo vyatumye igihugu gitegura kazoza keza k&#8217;urwaruka rwacu mu kurucisha ubwenge no mu kurufasha kugira amagara meza kuko ari rwo Burundi bw&#8217;ejo.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>40. Kugira ngo iterambere rishware mu gihugu cose ata ntara isigaye inyuma, mu ntango twarahaye imiriyoni amajana atanu ikomine yose ngo itunganye ibikorwa vy&#8217;iterambere, none ubu tukaba tugeze aho umutumba wose uhabwa imiriyoni cumi zo kwiteza imbere mu kugwiza umwimbu, kuko tumaze kuzirikana ko iterambere nyaryo rihera aho nyene ku mitumba. Ni co gituma ubu duhimiriza abenegihugu bose ku mitumba kuja hamwe, bakagira ikibiri mu bikorwa vy\u2019iterambere kuko \u00ab Nyamwigendako atarimira impeshi \u00bb.<\/p>\n<p>41. Harashinzwe n&#8217;umusi mukuru wa komine uhimbazwa ku musi wa gatandatu wa mbere wo mu kwezi kwa Myandagaro, aho abavuka komine bahura bakaganira ku vyaranguwe n&#8217;imigambi y&#8217;iterambere yimirije muri komine yabo. Harashinzwe imigambi yerekena ingene abarundi twipfuza ko Igihugu cacu coba kimeze mu mwaka w&#8217;2025 (Vision 2025). Ivyo vyose vyashobotse kuko twikukiye, dushaka igihugu cifashe, kizira inzara n&#8217;ubukene, kizira kuzera inze, giteye imbere kandi tuzeyeko amagara n&#8217;ubuzima, uburaro n\u2019uburamuko.<\/p>\n<p>42. Ni muri iyo ntumbero twarateguye twebwe nyene Umugambi w&#8217;Igihugu w&#8217;Iterambere w&#8217;imyaka cumi 2018-2027, dusangamwo imigambi yose y&#8217;iterambere yashizwe imbere mu bisata vyose vy&#8217;igihugu.<\/p>\n<p>43. Nk&#8217;uko mubizi, kurangura imigambi bijana n&#8217;uburyo bw&#8217;amafaranga. Ko twavavanuye na ya ngeso mbi yo kwama tuzera inze, harashizweho itegeko ryorohereza abanyamitahe, bashaka gushinga amashiramwe mu gihugu cacu, rikaba ryatumye abagwizatunga bazana imitahe yabo bongerekana.<\/p>\n<p>44. Ubu amashirahamwe n&#8217;amahinguriro atari make akaba yaravutse kandi ariko arakora mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu. Gutyo amahera yinjira mu kigega ca Reta akongerekana.<\/p>\n<p>45. Harahinyanyuwe ingene amakori ya Reta yotozwa kugira abagwizatunga bagire uruhara mw\u2019 iterambere rusangi. Ikigo kijejwe gutoza amakori n&#8217;amatagisi (OBR) carakoze bishimishije, bikaba vyatumye Uburundi bushobora kwibako ku bice 90%.<br \/>\n46. Ariko n\u2019aho amafaranga yinjira mu kigega c\u2019Igihugu yongerekana ku mwaka ku mwaka, haracariho ibihengeri bikenewe kuzibirwa kugira ngo amikoro y\u2019Igihugu yisununure. Tugiye kuzibira ivyo bihengeri, duhashe abasesagura, abanyonyezi, abarya n\u2019abatanga iguturire co kimwe n\u2019abahembwa bicaye.<\/p>\n<p>47. Kugira ngo igisata kijejwe gutoza amakori n&#8217;amatagisi kirangure imirimo kijejwe corohewe, hagiye kwubakwa igorofa igeretse cumi na kabiri (12 niveaux) izokoreramwo ibisata vyose vy\u2019ico kigo vyahora bishwiragiye hirya no hino, gutyo abaje kubugura no kwitura ico kigo na bo nyene boroherwe.<br \/>\n48. Abarundi barayamaze ngo \u00ab Hari nkunzi na gaheta \u00bb. Uwovuga ivyaranguwe akibagira umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu mu gushinga Umugwa Mukuru hagati mu gihugu i Gitega, Ingoro y&#8217;Umukuru w&#8217;Igihugu yitiriwe uwo dukesha Uburundi, Umwami Seburundi NTARE RUSHATSI, Ibanki y\u2019Urwaruka, Ibanki y\u2019Abarimyi, Ibanki y\u2019Abakenyezi, canke Umugambi w\u2019Igihugu ujejwe iterambere, abamuteze abiri bovuga bati, yavuze arazindwa! Ubu biraboneka neza ko kazoza k\u2019Uburundi kari mu minwe y\u2019ihanga ry\u2019abarundi.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>49. Igihe twashikirizwa amabanga yo kurongora Igihugu, twarashikirije muri rusangi imigambi mikuru mikuru izorangurwa na Reta turongoye mu kiringo c&#8217;imyaka indwi. Yose ni imigambi ifasha mu gutsimbataza Intahe y&#8217;ukwikukira. Abashikiranganji twaraye tugenye bazobashikiriza ido n&#8217;ido ry\u2019iyo migambi umwe wese mu gisata ajejwe.<\/p>\n<p>50. Mbere ivyihuta kurusha ibindi mwaravyumvise, twabishikirije mw\u2019Ijambo ry\u2019umukwanguro twashikirije inyuma yo kurahira kw\u2019abagize Reta y\u2019Uburundi. N\u2019ubu twashaka kubasaba kugira urunani, mu bumwe n\u2019urukundo dushigikire iyo migambi mu bikorwa.<\/p>\n<p>51. Ico twashaka kugarukako muri kano kanya, ni uko Uburundi bugiye kuramutswa benebwo, Beneburundi mw\u2019iteka ryabo. Uburundi bugiye kuramutswa koko Intahe n\u2019ibindi bihugu. Iyo tuvuze Igihugu kirangwa n\u2019Iteka n\u2019Itekane, canke tukavuga Igihugu c\u2019abagabo bigaba bakigaburira, tuba tuvuze bimwe mu majambo atandukanye.<\/p>\n<p>52. Tuba tuvuze ca gihugu beneco bakora ku munwa aho bashakiye hose, mu mifuko yabo na ho hakabarizwa amahera yo kwikenura.<br \/>\nNi muri iyo ntumbero Reta igiye gushigikira bimwe biboneka abenegihugu bose bazova hasi bagahingura isi n\u2019itunga kama Imana yatugabiye.<\/p>\n<p>53. Aha turashimishwa cane n\u2019agacumu k\u2019ubumwe katanzwe n\u2019Abarundi mu gisata c\u2019uburimyi, kugeza n\u2019aho twihingurira intabire y\u2019ikirundi ivanze n\u2019iyikizungu, gutyo tugabanya ku rugero rushimishije ubumara bwonona isi ndimwa, umwimbu n\u2019akanovera k\u2019ibifungurwa birongerekena, amagara y\u2019abantu n\u2019ibidukikije birakingirwa, abarimyi baronka intabire ku gihe no ku giciro kitavuna, aborozi baronka isoko y\u2019amase y\u2019ibitungwa yahora abapfako ubusa, Igihugu na co kibona kuziganya amafaranga y\u2019agaciro yahora akoreshwa mu kugura intabire mu mahanga ku bice 50%, bisigura ko twaziganije hafi imiriyoni 30 z\u2019amadorari y\u2019amanyamerika.<\/p>\n<p>54. Mu gisata c&#8217;ubworozi naho, dufadikanije n&#8217;abasanzwe badusahiriza mu migambi y&#8217;iterambere, haratanzwe inka, impene, ingurube, inkoko n\u2019ibindi bitungwa vya kijambere, kugira tugwanye inzara n&#8217;ubukene, kandi bifashe mw&#8217;iterambere ry&#8217;Igihugu n&#8217;abenegihugu. Ubu ivyo bitungwa bikaba biriko biragwira mu benegihugu. Turipfuza ko mu misi iza, twogwiza umwimbu bimwe biboneka kugira ngo tugire umusesekara dushora hanze vyaba mu birimwa canke inyama z\u2019ibitungwa.<\/p>\n<p>55. Kugira utwigoro tudondaguye ntitube impfagusa, birakenewe cane ko akamo Imboneza yacu yateye kw\u2019Igenekerezo rya 17 Nyakanga mu mwaka w\u20192019 kokwitabirwa n\u2019abo kega. Ubushikiranganji bujejwe igisata c\u2019Uburimyi, butegerezwa kurikanura kugira mu Burundi ntihasubire kwinjira intabire irimwo ubumara buhindanya isi yacu, bugasinzikaza n\u2019amagara y\u2019abanyagihugu. Muri iyo ntumbero, dukwiye guha ikibanza n\u2019agaciro intabire twihingurira, na cane cane ko akarusho izanira Igihugu n\u2019Abenegihugu atari agaseseshwarumuri.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>56. Iyo umwimbu wiyongereye, ibisata vyose birashikirwa. Mu gisata c&#8217;akazi, Reta yarerekanye ko yitayeho abakozi bayo, irongera imishara yikurikiranya ku rugero rwa 34% na 15%, yongera iratanguza umugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw&#8217;imishahara y&#8217;abakozi, ubu ico gikorwa kikaba gishitse ku ntambwe ishimishije. Turizeye ko, turavye aho ico gikorwa kigeze, mu misi iza na ka karusho ko kumwaka ku mwaka kazoboneka kuko kari kahagaritswe n\u2019uwo mugambi abakozi batari bake bakenguruka.<\/p>\n<p>57. Kuva kw\u2019igenekerezo rya mbere Mukakaro na ho, Reta izorihira abakozi bayo bakukurutse vya bice 20 % bahora bariha mu kwivuza. Hazofatwa n\u2019izindi ngingo mu misi iri imbere, maze uwukukurutse ashobore kubaho nk\u2019uko yarabayeho akiri ku kazi.<\/p>\n<p>58. Kugira dutsimbataze intahe yo kwikukira, ni uko abarundi twomenyana mu kibano, kandi tugafatana mu nda. Kugira tunagure uwo muco mwiza wo gushigikirana wamye uranga Abarundi mu bihe vyiza no mu bihe vy&#8217;umubabaro, twaragarutse ku mugenzo mwiza wo gushigikirana, hatanguzwa kandi Umugambi ufasha abenegihugu bari mu mashirahamwe kwivuza borohewe.<br \/>\n59. Harashinzwe Umusi wo Gushigikirana wama uba rimwe mu mwaka, haratanguzwa kandi umugambi \u00ab MERANKABANDI \u00bb, uronsa abafise amikoro make amafaranga yo kuzamura ubuzima bw\u2019umuryango, mu ntara zitatu z&#8217;Igihugu.<\/p>\n<p>Barundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi;<\/p>\n<p>60. Imbere yo kurangiza, twashaka kubagira inama yodufasha gutsimbataza Intahe y&#8217;ukwikukira.<\/p>\n<p>Ubwa mbere : Tuzirikane neza icivugo ngenderwako c\u2019Uburundi : Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere. Gisigura muri make ko ataco twokora ngo kirame tutari kumwe, kandi ko tudakoze tutotera imbere !<br \/>\nTwame dufise ku muzirikanyi ko iyo twerekeza ari igihugu giteye imbere, cigaba kikigaburira. \u00ab Turi kumwe twese, birashoboka \u00bb.<br \/>\nUbwa kabiri: Tuvavanure n\u2019agatima ko kugarariza inzego zivuye mu matora kuko inyifato nk\u2019iyo ataho itaniye no kurwanya intahe<br \/>\ny\u2019ukwikukira na demokarasi, kandi tumenye ko kizira kikaziririzwa<br \/>\nkuvuguruza abenegihugu ku co baba bapfundikiye mu matora. Ko twamaze gusezerera intwaro z\u2019igikenye n\u2019iz\u2019amagaburanyama, Zina ndongozi namenye ko ari umusuku w\u2019abenegihugu. Indongozi ni zikorere abenegihugu bashime ata numwe avuyemwo ni ho n\u2019amakungu azobona ko Uburundi ari igihugu c\u2019ijunja kuko gifise indongozi z\u2019ubuvyeyi.<\/p>\n<p>Ubwa gatatu: Twame tuzirikana ko Umurundi wese, yaba mu Burundi canke mu mahanga, ari ubwa mbere na mbere Umurundi, kandi ko naho yoronka ubundi bwenegihugu, ata teka azigera aronka risumba iryo kuba Umurundi. Turasavye Abakandizi b\u2019Uburundi mu bindi bihugu kwama bavyibutsa Abarundi mu bihugu barimwo.<\/p>\n<p>Ubwa kane : Dufashanye, tugire urunani rw&#8217;intamenwa, turwanye ubunebwe, dukomeze ubumwe n&#8217;urukundo mu bantu, dukure amaboko mu mpuzu dukore, dutere imbere, dushigikire intahe y&#8217;ukwikukira.<br \/>\nTumenye ko Igihugu kikizera inze, kigihanze amaso imfashanyo ziva hanze, kitaba cishira ngo cizane, ukwikukira kwaco guherera mu majambo gusa, na kare \u00ab Uwanka gucuka acika uruzingo \u00bb.<\/p>\n<p>Ubwa gatanu : Dufashanye mu gusasagaza Ubutungane, bube Ubutungane butunganiriza bose ata nkunzi, kandi tuzirikane ko Ubutungane ari kirumara mu gutsimbataza Intahe y\u2019ukwikukira.<\/p>\n<p>Ubwa gatandatu: Umurundi wese yumve ko Uburundi ari icari ca twese. Turasavye impunzi z\u2019Abarundi zitahuke mu gihugu cabibarutse.<br \/>\nMu Burundi nta nyagupfa na nyagukira, Uburundi buradukeneye twese. \u00ab Amaherezo y&#8217;inzira ni mu nzu \u00bb, ni mutahe iwanyu mukiri abarundi b\u2019ubuntu, kuko \u00ab Inkoko irara mw\u2019ishamba bugaca yacitse inkware\u00bb !<\/p>\n<p>Ubw&#8217;indwi : Twijukire ibikorwa, tuje mu mashirahamwe, duteze imbere amakoperative ari ku mitumba yose, tworore turime kijambere, twimbure turonke ivyo dufungura n&#8217;umusesekara dushora mu masoko, twikukire koko.<\/p>\n<p>Ubw&#8217;umunani : Nidukomeze imiryango yacu yo mushinge w\u2019Igihugu, turerere urwaruka mu bikorwa tubigisha ikizira, kugira ngo dutegurire kazoza keza uburundi.<br \/>\nUrwaruka gwamaze gushika mu bigero na rwo turusaba gukanura, babone iyo baja. Natwe tukaba tubemereye kuzobaguma hafi tubafate mu mugongo muri iyo nzira.<\/p>\n<p>Ubw&#8217;icenda: Twamirire kure imbuto mbi yabibwe n\u2019abakoroni mu Burundi, twamirire kure ubugunge n\u2019uburyarya, dusangire tudacuranwa, turagirane atawusobanurira uwundi, duhinde ikibiri atawukebera mugenziwe, uwuteye imbere yibuke abasigaye inyuma.<br \/>\nUbw&#8217;icumi : Tuvire hasi rimwe mu kugwanya ikiza Korona kitubuza kwishira no kwiza, dushigikire ingingo zafashwe na Reta mu ntumbero yo kugwanya ico kiza ; cane cane isekeza twataziriye; \u00abNdakira, sinandura kandi sinanduza\u00bb.<\/p>\n<p>61. Dusozereye dusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze mu rweze n\u2019akanyamuneza, umwe wese azirikane uruhara rwiwe mu gutsimbataza Intahe y&#8217;ukwikukira, umwe yibaze ati : \u00ab Mbega nokora iki ngo Uburundi bwacu bushinge icumu mu mashinga \u00bb ? Umwe wese yamize kumuzirikanyi ko, \u00ab Ivyo akora vyose, ari vyo bihesha ishusho Uburundi bwacu\u00bb, ace amenya ikizira n\u2019ikirekuwe.<\/p>\n<p>Niharambe Intahe y\u2019ukwikukira kw\u2019Uburundi !<br \/>\nImana Mushoboravyose ihezagire Uburundi n\u2019Abarundi !<br \/>\nMurakoze!\u201d<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo rijanye n\u2019uwo musi udasanzwe agira ati : \u201cBarundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; 1. Imyaka mirongo itanu n&#8217;umunani irarumanye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kiyibereye. Tuyisabe idutere intege, iduhe ubwenge n&#8217;ubwitonzi, turi hamwe twese mu runani rw&#8217;intamenwa, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":5,"featured_media":0,"comment_status":"closed","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[518,515,519,617,579],"tags":[],"class_list":["post-18297","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-burundi","category-homepage","category-kirundi","category-politics","category-politique"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v21.3 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo rijanye n\u2019uwo musi udasanzwe agira ati : \u201cBarundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; 1. Imyaka mirongo itanu n&#8217;umunani irarumanye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kiyibereye. Tuyisabe idutere intege, iduhe ubwenge n&#8217;ubwitonzi, turi hamwe twese mu runani rw&#8217;intamenwa, [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2020-06-30T16:36:34+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2020-06-30T16:36:57+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2020\/06\/President-Neva.jpg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"janvier\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"janvier\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"16 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/\",\"name\":\"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\"},\"datePublished\":\"2020-06-30T16:36:34+00:00\",\"dateModified\":\"2020-06-30T16:36:57+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\",\"name\":\"Indundi Culture | Magazine\",\"description\":\"Burundi Entertainment\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":\"required name=search_term_string\"}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814\",\"name\":\"janvier\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"contentUrl\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"caption\":\"janvier\"},\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/janvier\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine","og_description":"Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira, umukuru w\u2019igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo rijanye n\u2019uwo musi udasanzwe agira ati : \u201cBarundi, Barundikazi, Bakunzi b\u2019Uburundi; 1. Imyaka mirongo itanu n&#8217;umunani irarumanye Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kiyibereye. Tuyisabe idutere intege, iduhe ubwenge n&#8217;ubwitonzi, turi hamwe twese mu runani rw&#8217;intamenwa, [&hellip;]","og_url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/","og_site_name":"Indundi Culture | Magazine","article_published_time":"2020-06-30T16:36:34+00:00","article_modified_time":"2020-06-30T16:36:57+00:00","og_image":[{"url":"https:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2020\/06\/President-Neva.jpg"}],"author":"janvier","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"janvier","Est. reading time":"16 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/","name":"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira - Indundi Culture | Magazine","isPartOf":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website"},"datePublished":"2020-06-30T16:36:34+00:00","dateModified":"2020-06-30T16:36:57+00:00","author":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-umukuru-wigihugu-ashikirije-mu-ntumbero-yo-guhimbaza-imyaka-58-uburundi-buhabuje-intahe-yukwikukira\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Ijambo umukuru w\u2019igihugu ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buhabuje intahe y\u2019ukwikukira"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/","name":"Indundi Culture | Magazine","description":"Burundi Entertainment","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}"},"query-input":"required name=search_term_string"}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814","name":"janvier","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/","url":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","contentUrl":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","caption":"janvier"},"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/janvier\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/18297","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/users\/5"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=18297"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/18297\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":18315,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/18297\/revisions\/18315"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=18297"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=18297"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=18297"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}