{"id":28355,"date":"2021-07-16T20:35:18","date_gmt":"2021-07-16T20:35:18","guid":{"rendered":"https:\/\/indundi.com\/?p=28355"},"modified":"2022-03-01T02:08:34","modified_gmt":"2022-03-01T02:08:34","slug":"ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/","title":{"rendered":"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi"},"content":{"rendered":"<p>1.Mu rugendo rwiwe rwa mbere rutazibagirwa mu gihugu cacu c\u2019Uburundi, Nyenicubahiro Suluhu Hassan, Umukuru w\u2019Igihugu ca Tanzaniya duhejeje kuganira ibitari bike.<\/p>\n<p>2. Mu kiyago cacu, twashimikiye ku bibazo \u00a0biraba ibihugu vyacu vyompi, n\u2019ibibazo vyo mu karere.<\/p>\n<p>3. Naciye mboneraho akaryo ko \u00a0gusubira gushimira \u00a0no gukengurikira Reta ya Tanzaniya kubona yama ishigikira Uburundi \u00a0gushika uyu musi, na cane cane mu bihe bigoye twaciyemwo, kuva duhabuje intahe y\u2019ukwikukira<\/p>\n<p>4. Reta ya Tanzaniya yararungitse intumwa zo ku rwego rwo hejuru mu kwifatanya natwe mu kudufata mu mugongo igihe twashingurana iteka Umuhisi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA i Gitega. Nyenicubahiro Samia SULUHU Hassan akaba yari muri izo ntumwa.<\/p>\n<p>5. Haheze imisi mikeya Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ashengeye, abavukanyi b\u2019igihugu ca Tanzaniya na bo baciye bahura n\u2019ivyago nk\u2019ivyo, babura Umukuru w\u2019igihugu bakunda cane Nyenicubahiro John Pombe MAGUFURI. Na twebwe tukaba twararungitse intumwa kugira twifatanye na bo mu kubashigikira.<\/p>\n<p>6. Twakiranye umubabaro ibiherutse gushika kw\u2019isoko ya Kariako mu gisagara ca Dar Es Salaam yahiye, rukaba ari uruhombo rukomeye ku benegihugu ba Tanzaniya, ku Barundi no ku banyafirika y\u2019ubuseruko.<\/p>\n<p>7. Mu mubonano wacu twumvikanye ku bibazo bitandukanye vy\u2019inyungu rusangi\u00a0:<br \/>\nTwashimye ko Uburundi na Tanzaniya bibona kumwe ibibazo vya politike n\u2019imigenderanire mu mice itandukanye, haba mu Muryango w\u2019ibihugu vya Afirika y\u2019Ubuseruko mu nzego za wo zose, mu Muryango w\u2019ibihugu vya Afrika, mu muryango Mpuzamakundu ONU n\u2019ayandi mahuriro mpuzamakungu.<\/p>\n<p>8. Nashimiye igihugu ca Tanzaniya kuba carakiriye Abarundi mu bihe bitandukanye vy\u2019amagume twaciyemwo, n\u2019ubushake bwo kworohereza impunzi z\u2019Abarundi zishaka gutahuka ku bushake bwa zo mu gihugu cabibarutse.<\/p>\n<p>9. Kubera ko Igihugu ca Tanzaniya cateye intambwe igaragara mu bisata vyo gutunganya ibijanye n\u2019abakozi ba Reta be n\u2019uburongozi, nasavye Nyenicubahiro Samia Suluhu Hassan ko Reta arongoye yodufasha mu gutanga inyigisho nkarishabwenge ku bakozi bo mu Bushikiranganji bw\u2019Imigenderanire y\u2019Uburundi n\u2019Ayandi Makungu no Gufashanya mw\u2019Iterambere, eka no mu bindi bisata tuzokwumvikanako.<\/p>\n<p>10. Twumvikanye gukomeza gutsimbataza amahoro n\u2019umutekano ku mbibe dusangiye, gukora dufatanye mu nda mu gutuza iterabwoba, idandazwa ry\u2019ibiyayura mutwe, ikwiragizwa ry\u2019ibigwanisho bitobito n\u2019urudandazwa rw\u2019abantu mu bihugu vyacu. Muri make, twiteguriye kugwaniriza hamwe ivyaha ndengambibe vyose.<\/p>\n<p>11. Twemeranije guteza imbere kurusha imigenderanire no guhanahana ubumenyi mu bijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe no guhangana n\u2019ibiza n\u2019isibe.<\/p>\n<p>12. Nakengurutse cane kuba igihugu ca Tanzaniya carikoreye, hafi nka conyene, umutwaro w\u2019Uburundi. Imana ishimwe ko \u00a0 ibintu biriko birahinduka, bigatanga icizere \u00a0co kwiruhutsa ku benegihugu b\u2019ibihugu vyacu.<\/p>\n<p>13. Twumvikanye ko tugiye kubandanya guhanahana ubumenyi mu bijanye n\u2019uburimyi n\u2019ubworozi, cane cane dusaba ko amakoperative y\u2019Uburundi na Tanzaniya yokorana afatanye mu nda ku ntambwe zose z\u2019ibikorwa, tunasaba ko amashirahamwe y\u2019Abarundi yohabwa uburenganzira bwo gukoresha agataka ka Tanzaniya mu ntumbero yo kwongereza umwimbu.<\/p>\n<p>14. Ku bijanye no guhanahana ubuhinga, nahimbawe n\u2019uko ishirahamwe ry\u2019Uburundi ITRACOM rihingura umwavu w\u2019ikizungu, ririko rirugurura ihinguriro nk\u2019iryo mu gihugu ca Tanzaniya, tukaba twanezerejwe n\u2019iyo ntambwe nshasha yo gufashanya mu muryango wa Afrika y\u2019ubuseruko.<\/p>\n<p>15. Twiyemeje kubandanya dukorera hamwe ku bijanye na kazoza keza k\u2019ibihugu vyacu mu gukomeza urudandazwa hagati y\u2019ibihugu vyacu.<\/p>\n<p>16. Twahamagariye abenegihugu b\u2019ibihugu vyacu gukorera hakurya y\u2019imipaka y\u2019ibihugu vyabo, mu gushira imitahe nko mu bijanye n\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi, amahinguriro, amabanki, igisata co guhingura ibifungurwa, ukwiyunguruza, n\u2019ibindi,\u2026<\/p>\n<p>17. Twasavye abegwa bose n\u2019ikibazo c\u2019umugambi w\u2019ibarabara ry\u2019indarayi Uvinza-Musongati-Gitega\/Bujumbura-Uvira-Kindu, cane cane uruhande ruraba Uburundi na Tanzaniya, kwihutisha \u00a0itangurwa ry\u2019ibikorwa vy\u2019urwubako.<\/p>\n<p>18. Twasozereye twumvikana kubandanya dushira inguvu hamwe mu guhangana n\u2019ikiza kibangamiye isi ca Koronavirusi n\u2019izindi ndwara ndengambibe.<\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"Briefing on state visit by H.E Samia Suluhu Hassan, President of the United Republic of Tanzania\" width=\"500\" height=\"281\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/ykKP1gbKnOM?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>1.Mu rugendo rwiwe rwa mbere rutazibagirwa mu gihugu cacu c\u2019Uburundi, Nyenicubahiro Suluhu Hassan, Umukuru w\u2019Igihugu ca Tanzaniya duhejeje kuganira ibitari bike. 2. Mu kiyago cacu, twashimikiye ku bibazo \u00a0biraba ibihugu vyacu vyompi, n\u2019ibibazo vyo mu karere. 3. Naciye mboneraho akaryo ko \u00a0gusubira gushimira \u00a0no gukengurikira Reta ya Tanzaniya kubona yama ishigikira Uburundi \u00a0gushika uyu musi, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":5,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[600,518,574,515,971,617],"tags":[],"class_list":["post-28355","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-agriculture","category-burundi","category-cooperation","category-homepage","category-ikirundi_news","category-politics"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v21.3 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"1.Mu rugendo rwiwe rwa mbere rutazibagirwa mu gihugu cacu c\u2019Uburundi, Nyenicubahiro Suluhu Hassan, Umukuru w\u2019Igihugu ca Tanzaniya duhejeje kuganira ibitari bike. 2. Mu kiyago cacu, twashimikiye ku bibazo \u00a0biraba ibihugu vyacu vyompi, n\u2019ibibazo vyo mu karere. 3. Naciye mboneraho akaryo ko \u00a0gusubira gushimira \u00a0no gukengurikira Reta ya Tanzaniya kubona yama ishigikira Uburundi \u00a0gushika uyu musi, [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2021-07-16T20:35:18+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2022-03-01T02:08:34+00:00\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"janvier\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"janvier\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/\",\"name\":\"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\"},\"datePublished\":\"2021-07-16T20:35:18+00:00\",\"dateModified\":\"2022-03-01T02:08:34+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\",\"name\":\"Indundi Culture | Magazine\",\"description\":\"Burundi Entertainment\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":\"required name=search_term_string\"}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814\",\"name\":\"janvier\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"contentUrl\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"caption\":\"janvier\"},\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/janvier\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine","og_description":"1.Mu rugendo rwiwe rwa mbere rutazibagirwa mu gihugu cacu c\u2019Uburundi, Nyenicubahiro Suluhu Hassan, Umukuru w\u2019Igihugu ca Tanzaniya duhejeje kuganira ibitari bike. 2. Mu kiyago cacu, twashimikiye ku bibazo \u00a0biraba ibihugu vyacu vyompi, n\u2019ibibazo vyo mu karere. 3. Naciye mboneraho akaryo ko \u00a0gusubira gushimira \u00a0no gukengurikira Reta ya Tanzaniya kubona yama ishigikira Uburundi \u00a0gushika uyu musi, [&hellip;]","og_url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/","og_site_name":"Indundi Culture | Magazine","article_published_time":"2021-07-16T20:35:18+00:00","article_modified_time":"2022-03-01T02:08:34+00:00","author":"janvier","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"janvier","Est. reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/","name":"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi - Indundi Culture | Magazine","isPartOf":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website"},"datePublished":"2021-07-16T20:35:18+00:00","dateModified":"2022-03-01T02:08:34+00:00","author":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/ijambo-rya-perezida-evariste-ndayishimiye-rijanye-nurugendo-perezida-wa-tanzaniya-arimwo-mu-burundi\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Ijambo rya Perezida Evariste Ndayishimiye rijanye n\u2019urugendo Perezida wa Tanzaniya arimwo mu Burundi"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/","name":"Indundi Culture | Magazine","description":"Burundi Entertainment","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}"},"query-input":"required name=search_term_string"}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/dd28c84d43ef99ec2da1bfc4b42bc814","name":"janvier","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/","url":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","contentUrl":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/93b8d6f4cc712a3a5c942430cca87e87?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","caption":"janvier"},"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/janvier\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/28355","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/users\/5"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=28355"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/28355\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":28357,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/28355\/revisions\/28357"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=28355"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=28355"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=28355"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}