{"id":29935,"date":"2021-10-19T16:33:06","date_gmt":"2021-10-19T16:33:06","guid":{"rendered":"https:\/\/indundi.com\/?p=29935"},"modified":"2021-10-19T16:33:06","modified_gmt":"2021-10-19T16:33:06","slug":"urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/","title":{"rendered":"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n&#8217;uburyo bw&#8217;ukubirwanya."},"content":{"rendered":"<figure id=\"attachment_29942\" aria-describedby=\"caption-attachment-29942\" style=\"width: 265px\" class=\"wp-caption alignleft\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\"wp-image-29942 size-full\" src=\"https:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2021\/10\/BIBLE-PICTURE.jpg\" alt=\"\" width=\"265\" height=\"190\" \/><figcaption id=\"caption-attachment-29942\" class=\"wp-caption-text\">Isanamu ya Biblia<\/figcaption><\/figure>\n<p>None mwagira ga ngo bizoborohera ko musoma bibiriya ngo muhave mumenya ukuri? Vyobemerera gute ngo mumenye ukuri kandi ukumenya ukuri ariko kubohoka? Umwami Yezu Christu yavuze ati, muzomenya ukuri hanyuma guheze nako kubabohore<strong> ( Johani 8:32).<\/strong><\/p>\n<p>Nimba weho\u00a0 bikorohera gutora bibiliya maze ukayisoma ukaronka umuco, weho mana ntugire ngo ntuhiriwe!!! Urahiriwe nyene kuko si benshi bikundira. Ubu hoho ivy&#8217;ugusoma ni vyinshi, mu ndwi hagati bibiliya duterera hariya maze tugahengera ku musi wa Mungu tukayitora tugahungura imisengesenge yayigiyeko tugaheza tukaneganega no\u00a0 mw&#8217;Isengero ngo ba!. Nako bambe, tunagize na gutyo data\u00a0 biba bikigendeka! Ubu ko haje\u00a0 \u00a0ama Smart phones turaheza tugasanga mbere bitarinze kuba na ngombwa ko twokwiremereza Bibiliya\u00a0 kuko na nya Bibiliya nyene zisanzwe ziri mu biharawe twigendezako, bijanye n&#8217;ubuhinga bwa none.<\/p>\n<p>Hama kenshi, rero iyo bariko barasigura turaheza tukandikana ubwira bwinshi ivyo bariko batwigisha, muga kenshi iyo dushitse muhira turaheza tubiterera ku rusenge canke mu mbari kandi noneho mayina ndaguye ndagarutse none ko tuba twavyanditse , na Pasitori akaba yabona ko turiko dukurikirana, hejuru y&#8217;ukuzungangiza umutwe ( Kurya k&#8217;umuntu anyuzwe koko) hamwe n&#8217;ugukoma amashi, none ikindi kiba gisigaye ni igiki ko tuzonasubirayo ku wundi wa Mungu?<\/p>\n<p>Mugabo uwundi mwanya naho kandi ndagarutse ; iyo tuba twaza turabisoma naho,\u00a0 tuza turibukiriza,\u00a0 tunabiyaga n&#8217;abo tubanye, kumbera ntivyobuze n&#8217;ico bitwungura. Aho Yezu yaca Umugani w&#8217;umubivyi none mugira harya yarabuze ico ariko aravuga? Uko ingemwe zizorwa ku rutare niko ibinyoni bizokoroherwa kuzinobagura .<\/p>\n<p>Jewe nibaza ko, iyo tuba twabigira gutyo misi yose , Dogiri dogiri imyaka n&#8217;iyindi yorangiye ingo zacu twarazigize nk&#8217; imisozi\u00a0 itotahajwe\u00a0 n&#8217;ubwatsi buremvye,\u00a0 igasharizwa n&#8217;amahonda n&#8217;ingano ( Zaburi 72 na 65) ,\u00a0 ububande nabwo\u00a0 bubogabogamwo inyambo ku buryo naho hokwaduka igihuhusi hoheza hakumvikana amajwi y&#8217;akanyamuneza kuko twoheza tukumvirananwo akandi kajwi kavugira kure kavyiyamiriza\u00a0 gati <strong>&#8221; Sume m urenga abo ndabazi&#8217;.( Zaburi 105:10)<\/strong>. Ivyoje bigana kutugirira nabi hamwe be n&#8217;abacu, twohejeje tukabibona nk&#8217;ivyari vyiyambije gusa,\u00a0 nk&#8217;ivyari bishatse kwimara ubute canke iyarwe.<\/p>\n<p>Ikindi naco jewe nibaza n&#8217;uko .mu gihe tutokwiga kubigira ntyo, ngo twumve ko Isengero nyamukuru ari aho dukika umusaya, ngo twumve ko Se Rugo ariwe Pasitori canke Patiri canke Mwalimu\u00a0 w&#8217;aho atuye ( Mu kiringo atahari agasubirirwa n;uwo bubakanye), maze mu ndwi hagati tugaheza tukaza turanoganza duhana umuco n&#8217;abo dutuye hamwe, ntihazotera kabiri ejo ngo tuzogenda\u00a0 tudasanze dusize abana mu gahinga ka Nyaga na nde. Ibi twanka kwigisha Abana twibarutse , bazovyigishwa n&#8217;abandi batabibarutse, canke google canke n&#8217;ibindi vyinshi,\u00a0 mubona ko ibigabirije gushira Isi mu mananiza vyo bitabuze.<\/p>\n<p><strong>None twogira iki?<\/strong><\/p>\n<p><strong>Abavyeyi, dufate ibintu mu minwe. ( Ku basanze batabikora ntyo)<\/strong><\/p>\n<p>Ubwa mbere ni ukumva ko ari twebwe biraba ntitube kumwe kwa ya Mpene yavyara igaterera aho ngo ahanje ndahejeje, ahasigaye ni ah&#8217;umwungere. Wewe Muvyeyi war&#8217;ubuze ivyo wigisha umwana wawe? Pasitori canke Patiri canke Mwarimu ( Nibo wavyaye ngo bakurere? Eka turashaka kuvyirisga kweli) Nimba utariko uha indero ijanye n&#8217;ivy&#8217;Imana ku bana bawe none iyindi ndero uriko ubaha ni iyihe.\u00a0 Mbega isi ata muntu azoba atinya Imana izoba imeze nte? Mbega ubona isi iriko yigisha abana bacu iki ? Abana bazokura babwira ko uruhishijwe n&#8217;ukuba umuhungu ushobora kuba Umukobwa mu kiringo wifitiye inoti maze bakakurema ukundi?\u00a0 None inyuma y&#8217;Imyaka 50 abana bacu bazoba bameze bate? Aho tuzoba turi tugaheza tukaraba hasi, tuzokwiyumva dute?<\/p>\n<p><strong>Yamara\u00a0 noneho n&#8217;umuntu atanga ico afise !<\/strong><\/p>\n<p>Mu kiringo ayandi Madini ( Musulmans et Juifs) bobo ivyabo vyose bifatanye n&#8217;ukwemera kwabo, abemera Christu nibo gusa ahanini twafatanuye ibijanye n&#8217;Imana hamwe n&#8217;ubundi buzima. Mu Mashure nciga, Icirwa ca citwa Religion,\u00a0 vyasa nk&#8217;uko kwari ukuza kuduteramisha . Hari kandi n&#8217;icirwa citwa Civisme, naco nyene vyasa nk&#8217;uko. None mwumva vyodutangaza gute tweho abavyeyi nyene b&#8217;ubu mukiringo tudasanze womengo ni nkenerwa kwigisha abana bacu ibijanye n&#8217;Imana?\u00a0 Hari benshi ijambo ry&#8217;Imana turyita nyene &#8216;<strong>&#8216;Ibintu vy&#8217;Imana<\/strong> &#8221;\u00a0 maze ukaza urumva abantu bavuga ngo&#8221; Urya nawe agakomye kose aca azana<strong> &#8216;ibintu vy&#8217;Imana<\/strong>&#8221;!! Abandi nabo tukarindira ar&#8217;uko tuguye mu bibazo, ingwara canke ibindi,\u00a0 kugira ngo dutanguze kwegera Imana. None ivyo vyirwa nyene bibiri ko arivyo umuntu muri kameremere kiwe yari akwiye kwigishwa ku buryo bukabije, ejo azoba ari iki nimba tutobiha agaciro kabikwiye ?<\/p>\n<p><b>Dukwiye kurwana ingwano yo mu pwenu kuko vyose niyo bipfiriye.<\/b><\/p>\n<p>Ikintu cambere ukwiye kumenya n&#8217;uko aho usavye indaro, aho uba, si wewe uhaba wenyene. Aho uba hari izindi mpwemu zihaba. Kandi izo mpwemu nizo zigize ibice binini vy&#8217;uko ubanye n&#8217;abo mubanye. Ivyo biri uko ku ngero zinyuranye. Urugo, Karatiye( Canke agatumba) , Komine , Intara hamwe n&#8217;Igihugu. Impwemu ziba aho ubaye zifitaniye isano n&#8217;amamuko yawe hamwe n&#8217;ibindi vyinshi bunyaranye.( Usomye witonze Zaburi 16 uzobitahura).<\/p>\n<p><strong>Ntubifate nk&#8217;ibisanzwe .<\/strong><\/p>\n<p>Ukaba ubaho wumva umengo ntufise ubwira bw&#8217;ukwitaho Imana dusenga uyu musi, ntubifate minenerwe , ngo ubifate ibisanzwe. Ukaba wumva iyo utoye bibliya umengo nta ngoga ufise, umenye ko hariho ibiguhanze amaso, birahira bikarengwa ko uto soma izo nyandiko nyeranda. Canke ushobora n&#8217;ugusoma bibiliya yamara uwokubaza mu nyuma ukananirwa n&#8217;ukumubwira ivyo wakuyemwo.\u00a0 Inzitizi ziri aho nyene impande yawe, inguvu zo mu mwiza zifise ico zikurikiranira amaraso yawe kubera hari ivyo basezeranye na ba Sogokuruza bawe mu gihe bazambaje barondera inguvu zinyuranye. Ukamara kwemera uko kuri, uzoba ufashe iyindi ntabwe. Ico inguvu zo mu Mwiza zitwicica ni ukutagira ubumenyi.Ariko Imana yahagurutse kuko turi mu bihe vya Nyuma. Ivyitwa ibigirwamana( Biracariho mu buryo bw&#8217;impwemu ku ruyeri ku rwenge)<\/p>\n<p><strong>Nimba ufise impari, uragerageza bino.<\/strong><\/p>\n<p>Reka ndakwereke. Urazotora <strong>Psaume 24 na 09<\/strong> uzivuge ushimitse hanyuma uzisubiremwo uzinoganze , maze uce uheza utore bibiliya na canecane ubwuzure bushasha ( Nimba uri umukristu ) uheze uce uraba akayabagu uyisomana. Uzoronka umuco utari bwaronke na rimwe.<\/p>\n<p><strong>Kubera iki izo zaburi\u00a0 24 na 09 ( Imbere y&#8217;uko tuzoganira\u00a0 ku zindi)<\/strong><\/p>\n<p>Icambere , iyo zaburi ya 24 iributsa ibinyamubiri ko, isi ari iy&#8217;Imana, kandi ikibutsa ko, ata muntu w&#8217;umwangushi azogenda akandagiye mu bwami bwayo mw&#8217;Ijuru. Muribuka ukuntu Shetani yariko arabwira Yezu Christu ngo &#8221; Niyemere ahebe Imana azoca amuha ivy&#8217;Isi? Yesu yamwishuye ukundi, ariko iyo ashaka yari n;ugukoresha iyo psaume 24 , akamuhebuza ko ko Isi ar&#8217;iy&#8217; Imana hamwe n&#8217;ibiyiriko vyose. Iyo zaburi nyene niyo iheza igakankamira imiryango ( Les portes ) ya Kera, iri kiruruke yinjire Umwami w&#8217;Ubweranda.<\/p>\n<p>Izaburi na yo ya 09 Iragaruka ku Miryango. Aha isaba Igufasha gusaba Imana ko yogukura mu miryango ( Portes ) ijana mu rupfu nyabuna ikakujana mu miryango y&#8217;Umwigeme w&#8217;Isiyoni kugira uheze ubashe gushemagiza Imana( Louanges). Erega aha ntimubone twese tugendagenda ngo mugire ngo twese duhagaze hamwe mu buryo bw&#8217;Impwemu. Ni wewe w&#8217;ukuguruza imiryango ya Kera kugira hinjire Umwami w&#8217;Ubweranda)<\/p>\n<p>Ibi bihe ni ivyanyuma, harageze ko umuntu wese arwanira umushaha wiwe. Aha siho iwacu, ariko aha hadufasha gutegura iyo tuzoja. Rondera ukuri\u00a0 mu bitabo vyeranda. Reka kwiraramira ngo urindiriye Patiri na Pasitore abe aribo baza barakubwira ivyanditse bijanye n&#8217;ubugingo bwawe. Ku musi w&#8217;Inzamba ntugire ngo muzoba muhagararanye na Patiri canke Pasitori?\u00a0 Noneho n&#8217;abo barongozi bacu, ntibazoroherwa ari abarongozi bashoreye ubusho bw&#8217;impumyi.<\/p>\n<p>Mbega ko uvuga ngo naka ni Umukozi w&#8217;Imana, wewe uri umukozi w&#8217;iki canke wa nde? Ni nde yakuremye? Ninde azokubaza ico wakoresheje amatarenta yaguhaye? Ni uwo Boss wawe ku kazi? Ni Iyo promotion wama uririra? N&#8217;ivyo bifaranga umuyoro wama uriko wihagazana?<\/p>\n<p>Ni nde yaguhaye izo mpwemu uhemuka?\u00a0 Ko n&#8217;urutoki wita ngo ni rwawe utazi n&#8217;ibirimwo, iyo hagize agakoma uca wiruka kwa muganga ngo bakurabira, kubera agatoki k&#8217;agahererezi kakuraje ku ryamusonga kandi ufise ama milioni ku ma Bank.<\/p>\n<p>Murabona ibiriko biraza; Imana iriko iturya akara itwibutsa iti &#8221;Erega ndiho&#8221; . Iryo jambo &#8221; Ndiho&#8221; Ryaje ku gihugu cacu riciye ku mukozi w&#8217;Imana Chris Ndikumana. Ntitugire ngo ni ivyo yabwiwe wenyene. IMANA IKUNDA UBURUNDI BWACU KANDI ISHAKA KUBUKIZA<\/p>\n<p><strong>NTAYIMBA NGO IBURE IVU. RONDERA IMANA UBU BIGISHOBOKA.<\/strong><\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>None mwagira ga ngo bizoborohera ko musoma bibiriya ngo muhave mumenya ukuri? Vyobemerera gute ngo mumenye ukuri kandi ukumenya ukuri ariko kubohoka? Umwami Yezu Christu yavuze ati, muzomenya ukuri hanyuma guheze nako kubabohore ( Johani 8:32). Nimba weho\u00a0 bikorohera gutora bibiliya maze ukayisoma ukaronka umuco, weho mana ntugire ngo ntuhiriwe!!! Urahiriwe nyene kuko si benshi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":4,"featured_media":29942,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[1],"tags":[],"class_list":["post-29935","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uncategorized"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v21.3 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n&#039;uburyo bw&#039;ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n&#039;uburyo bw&#039;ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"None mwagira ga ngo bizoborohera ko musoma bibiriya ngo muhave mumenya ukuri? Vyobemerera gute ngo mumenye ukuri kandi ukumenya ukuri ariko kubohoka? Umwami Yezu Christu yavuze ati, muzomenya ukuri hanyuma guheze nako kubabohore ( Johani 8:32). Nimba weho\u00a0 bikorohera gutora bibiliya maze ukayisoma ukaronka umuco, weho mana ntugire ngo ntuhiriwe!!! Urahiriwe nyene kuko si benshi [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2021-10-19T16:33:06+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-content\/uploads\/2021\/10\/BIBLE-PICTURE.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"265\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"190\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"staff\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"staff\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"6 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/\",\"name\":\"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n'uburyo bw'ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\"},\"datePublished\":\"2021-10-19T16:33:06+00:00\",\"dateModified\":\"2021-10-19T16:33:06+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/b54973e1d37b807c22f909b0826ced1c\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n&#8217;uburyo bw&#8217;ukubirwanya.\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\",\"name\":\"Indundi Culture | Magazine\",\"description\":\"Burundi Entertainment\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":\"required name=search_term_string\"}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/b54973e1d37b807c22f909b0826ced1c\",\"name\":\"staff\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/58bf56ce40d971b35b325d08e68dd953?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"contentUrl\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/58bf56ce40d971b35b325d08e68dd953?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"caption\":\"staff\"},\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/staff\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n'uburyo bw'ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n'uburyo bw'ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine","og_description":"None mwagira ga ngo bizoborohera ko musoma bibiriya ngo muhave mumenya ukuri? Vyobemerera gute ngo mumenye ukuri kandi ukumenya ukuri ariko kubohoka? Umwami Yezu Christu yavuze ati, muzomenya ukuri hanyuma guheze nako kubabohore ( Johani 8:32). Nimba weho\u00a0 bikorohera gutora bibiliya maze ukayisoma ukaronka umuco, weho mana ntugire ngo ntuhiriwe!!! Urahiriwe nyene kuko si benshi [&hellip;]","og_url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/","og_site_name":"Indundi Culture | Magazine","article_published_time":"2021-10-19T16:33:06+00:00","og_image":[{"width":265,"height":190,"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-content\/uploads\/2021\/10\/BIBLE-PICTURE.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"staff","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"staff","Est. reading time":"6 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/","name":"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n'uburyo bw'ukubirwanya. - Indundi Culture | Magazine","isPartOf":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website"},"datePublished":"2021-10-19T16:33:06+00:00","dateModified":"2021-10-19T16:33:06+00:00","author":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/b54973e1d37b807c22f909b0826ced1c"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/urwevu-ibibuza-ingo-kwegera-imana-hamwe-nuburyo-bwukubirwanya\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Urwevu. Ibibuza ingo kwegera Imana hamwe n&#8217;uburyo bw&#8217;ukubirwanya."}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/","name":"Indundi Culture | Magazine","description":"Burundi Entertainment","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}"},"query-input":"required name=search_term_string"}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/b54973e1d37b807c22f909b0826ced1c","name":"staff","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/","url":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/58bf56ce40d971b35b325d08e68dd953?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","contentUrl":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/58bf56ce40d971b35b325d08e68dd953?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","caption":"staff"},"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/staff\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/29935","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/users\/4"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=29935"}],"version-history":[{"count":28,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/29935\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":29968,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/29935\/revisions\/29968"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media\/29942"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=29935"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=29935"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=29935"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}