{"id":4548,"date":"2019-04-30T06:06:05","date_gmt":"2019-04-30T13:06:05","guid":{"rendered":"http:\/\/indundi.com\/?p=4548"},"modified":"2019-04-30T06:06:05","modified_gmt":"2019-04-30T13:06:05","slug":"burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/","title":{"rendered":"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w&#8217;igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n&#8217;akazi"},"content":{"rendered":"\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"aligncenter\"><img decoding=\"async\" src=\"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/04\/Nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-cacu-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4549\"\/><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Barundi, Barundikazi,<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Bakozi, namwe Bakoresha;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n\u2019abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, twama twigina umusi mpuzamakungu w\u2019abakozi n\u2019akazi. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye.  <\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana\nMushoboravyose yo dukesha ivyo twaranguye kandi tuzeyeko ivyo dutegekanya\nkurangura muri kazoza. Turashimira kandi Imana yacu yaduhaye amagara meza,\nAmahoro, Umutekano n\u2019Impore, kandi ikadukingira ibiza n\u2019isibe mu mpande zose\nz\u2019Uburundi.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Kw\u2019izina rya Reta no\nkw\u2019izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza w\u2019abakozi\nn\u2019akazi, umusi mukuru w\u2019akanyamuneza dukura mu kazi. Abakozi n\u2019abakoresha tuje\nhamwe, twisuzume twongere dusuzume ivyo twaranguye, dukomeze ya ngendo nziza yo kuja inama n\u2019ingingo.&nbsp; <\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Mu guhimbaza uyu musi mukuru twashize imbere iki\ncivugo:&nbsp;<strong>\u00ab&nbsp;Burundi bwacu, Burundi\nbuhire, tugutuye amaboko, umutima n\u2019ubuzima\u00bb. <\/strong>Iconacokikaba cogera ku\ncivugo nyamukurutumaze hafi imyaka\nitatu twisunga ari co c\u2019iki:<strong> \u00abTuzirikane\nIgihugu cacu, tumenye iyo tuva n\u2019iyo tuja\u00bb.<\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Bakoresha, Bakozi mwese;<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Uyu musi mukuru wacu ntuherere mu birori no\nkwidagadura gusa. Nube nyabuna akaryo keza ko kwerekana&nbsp; ku mwaka ku mwaka ico dushoboye, turavye ivyo\ntwaranguye n\u2019akarusho ku mwimbu dufatiye ku myaka iheze. Na kare ngo<strong>:\u00abIgiti ntikimenyekana kubera izina citwa,\nbakimenyera ku vyamwa\u00bb<\/strong>. <\/li><li>Ako kamo twama tugatera kandi tuzokwama tugatera. Kira\nnoneho kar\u012btab\u012brwa n\u2019abo tugatera. Twashaka rero dushimirecane abakozi bose, aba Reta n\u2019ab\u2019amashirahamwe yegamiye Reta, abo\nmu mashirahamwe yigenga canke abikorera utwabo umwe wese ku giti ciwe, ku buryo\nbarangurana umwete imirimo yabo. <\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimiye umugwi w\u2019igihugu ujejwe ibiganiro mu kazi uhurikiwemwo\nn\u2019abaserukira Reta, abaserukira abakozi &nbsp;n\u2019abaserukira abakoresha, kuko bagiye barag\u012bra inama abakozi n\u2019abakoresha ngo bakore bisunze amategeko y\u2019akazi. Ivyo vyatumye ingendo\ny\u2019amayegereyegere icika umugani, umwimbu nawo urushirizaho kwiyongera. <\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimiye cane kandi turateye intege Abarundi bagiye\n&nbsp;hamwe bagashinga amahinguriro y\u2019ivyo\ntwimbura aha iwacu nk\u2019ibigori, ibitoke, ingano, ivyamwa, amazi, n\u2019ibindi, bagatanga\nakazi, amatagisi n\u2019amakori.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Muri iyo ntumbero nyene, turashimiye abagiye hamwe bakagira amahinguriro y\u2019ubutare bwacu, ay\u2019ifumbire, amabati, imisumari, ivyuma nkomezanyubakwa, n\u2019ibindi. Abo bose turabashimiye, nibakomere ku muheto turabashigikiye. Turashimiye cane n\u2019urwaruka rumaze kwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere, rugakorera hamwe, rugatanga akazi ku rundi rwaruka no ku bakuze.<\/li><li>Ntitwokwibagira gushimira abakora ibikorwa bitera iteka igihugu mu makungu, aha twovuga \u00a0nk\u2019abakinyi b\u2019Intamba mu Rugamba, abakinyi ba Judo, abanonotsi babaye aba gatanu ku bihugu birenga 40 vyahiganwa, umuririmvyi Ngendabanka Natasha, Abanyeshure b\u2019Abarundi baronka amanota n\u2019ibibanza vyiza mu makungu n\u2019abandi bateye iteka igihugu mu mahiganwa atandukanye bagatahana ibibanza vyiza n\u2019udushimwe dushimishije.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Barundi, Barundikazi,Bakozi, namwe Bakoresha;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Inyubako rusangi nk\u2019amashure, amavuriro, ibitaro, amasoko, ibigwati, ibibuga vy\u2019inkino, amazi ya rusengo, imikobeko, amabarabara y\u2019imigenderanire, isuku, kwubakira abatishoboye, ibiro vy\u2019indongozi mu ntwaro, amahoteri<strong> <\/strong>n\u2019ibindi vyarubatswe kandi bibandanya vyubakwa muri uyu mwaka. Turashimiye Abarundi bamaze kwijukira imigambi imara igihe kirekire; ni ingendo ituma haboneka ubuzi bwinshi kandi buramba.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimishwa n\u2019ibikorwa vyaranguwe n\u2019urwaruka mu buruhuko; ibikorwa bifise igiciro cababa imiriyarindi 19. Tuzoshishikara gusahiriza amakomine mu migambi izamura ubutunzi bwayo mu <strong>kwongereza amahera agenewe amakomine, ave ku miriyoni 500 aje ku miriyoni 570 ku mwaka. Yamara rero, turibukije ko ayo mahera turonsa amakomine adasubirira ibikorwa rusangi.<\/strong> Turakeje kandi turakengurukiye Amakomine atadebukiwe, nabere akarorero ayandi makomine.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimishwa n\u2019urugero rw\u2019umwimbu w\u2019ibifungurwa, umwimbu w\u2019ibiterwa njabukamazi na cane cane ikawa, tutibagiye umwimbu mu gisata c\u2019ubutare n\u2019agataka, hamwe n\u2019umwimbu mu gisata co gutororokanya amakori n\u2019amatagisi.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimiye abahetsi b\u2019intara zitandukanye, abashingamateka n\u2019abakenguzamateka, tutibagiye n\u2019abandi barundi b\u2019imboneza barazwa ishinga no guteza imbere igihugu bahereye aho bataye uruzogi.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turashimiye kandi Incabwenge z\u2019Abarundi mu bisata bitandukanye ku vyiyumviro n\u2019impanuro zubaka batanga hamwe no ku mutima wo kugwanira no guharanira inyungu n\u2019iteka vy\u2019igihugu.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>N\u2019aho dushimishwa n\u2019ivyaranguwe mu bisata nka vyose bigize ubuzima bw\u2019igihugu, ntitwokwirengagiza kunegura ibikorwa bidatera iteka Igihugu cacu, bikorwa n\u2019abantu bari ku rushi, bibandanya kwibonekeza hirya no hino nko mu bajejwe intwaro, mu nzego z\u2019Umutekano no kwivuna abansi, mu bucamanza, mu gisata c\u2019amagara y\u2019abantu, mu gisata c\u2019ubutunzi, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara n\u2019ibikorwa vya reta, mu gisata c\u2019indero; haba ku barezi badohoka kw\u2019ibanga canke ku barerwa bigenza nabi, abakozi bacerwa, abarya imitsi abandi n\u2019abandagaza amabanga y\u2019akazi, abakingira ikibaba ababangamira umutekano n\u2019ubutunzi bw\u2019Igihugu, abakozi ba Reta biha ububasha badahabwa n\u2019amategeko, abahingura ivyonona amagara y\u2019abantu, abo mu mashirahamwe ya Reta basa n\u2019abayagize ivyibare vyabo, n\u2019abandi. N\u2019aho abo tudondaguye bari ku rushi, ntitwokwirengagiza ko <strong>\u00abUbuto bw\u2019urutobo butarubuza kurura\u00bb. <\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Ntitwokwibagira kunegura n\u2019abantu ku giti cabo bakora ibitaroranye. Aha twovuga ababangamira ibidukikije, adadanza bamwe bikinga agahumbezi, n\u2019abandi bashorera ibidandazwa hanze y\u2019Igihugu ariko ntibagarukane amahera y\u2019agaciro, abadandaza ivyataye agaciro harimwo n\u2019imiti, abarya ibiturire n\u2019izindi ngeso z\u2019uburyarya, Abakozi b\u2019Imana bataye umurongo, abatyoza igihugu cabibarutse n\u2019ubundi bubegito butandukanye.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Bakozi,\nBakoresha;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Reta y\u2019Uburundi n\u2019Abarundi ku giti cabo bararajwe ishinga n\u2019ikibazo c\u2019ubushomeri. Utwigoro twinshi muri iyo ntumbero twaragizwe biciye mu migambi itanga akazi. Aha twovuga nko mu Bushikiranganji bw\u2019Amas\u00f4ko ntanganguvu Ubutare n\u2019Agataka, ubw\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije, ubw\u2019ibikorwa vya Reta, mu mashirahamwe yemererwa gukora n\u2019ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe gushinga amashirahamwe, n\u2019ahandi.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Eka n\u2019abafise akazi bama bakenera uturusho no kworoherezwa uko bukeye uko bwije. Twisunze ivyipfuzo vy\u2019abakozi, twarashizeho umugwi wo kwiga ingene ubusumbasumbane bw\u2019imishahara bwogabanuka. <\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Kubera ko uyu mwaka ari uwa nyuma ku kiringo c\u2019imyaka\nine cari gitegekanijwe, turasavye Ubushikiranganji bubijejwe kubandanya ico\ngikogwa kugira kirangirane n\u2019ikiringo categekanijwe. Turazi ko abakozi bose\nbarindiranye igishika n\u2019ivyizigiro &nbsp;vyinshi ibizovamwo.<\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Mu ntumbero yo kworohereza abakozi\nn\u2019abakoresha, igitabu kigenga akazi carasubiwemwo\nhisunzwe amategeko mpuzamakungu agenga akazi. Ubu hakaba hariko harasuzumwa ko\nivyasabwe na ya nyabutatu igizwe n\u2019abaserukira Reta, abaserukira abakozi\nn\u2019abakoresha vyongewe muri ico gitabu imbere y\u2019uko gishirwa ku mugaragaro. Eka\nn\u2019igitabu c\u2019amategeko yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abakozi kiriko\nkiratosorwa.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Ku bijanye n\u2019ibiganiro mu kazi,uyumwaka waranzwe muri rusangi n\u2019umwumvikano hagati y\u2019abakozi\nn\u2019abakoresha, bafashijwe na wa mugwi ujejwe ibiganiro mu kazi. Amatati yaratatuwe\nbiciye mu biganiro bishira imbere umwumvikano n\u2019ukugwiza umwimbu. Umugwi ujejwe\nibiganiro mu kazi warabandanije gushiraho ibisata mu ntara zose.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Barundi,\nBarundikazi,<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Bakozi, namwe Bakoresha;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Twisunze Icivugo cahariwe uyu musi<strong> \u00ab\u00a0Burundi bwacu, Burundi buhire, tugutuye amaboko, umutima n\u2019ubuzima\u00bb, <\/strong>tutibagiye n\u2019Icivugo Ngenderwako:<strong> \u00abTuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n\u2019iyo tuja\u00bb; <\/strong>twashaka dufate kano kanya ngo dutange impanuro<\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa mbere:<\/strong> Umurundi wese akwiye kwibaza kandi akiha inyishu\nitomoye, maze akaboneraho gufata ingingo. Bimwe mu bibazo yokwibaza ni ibi: <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Mbega nzoterera iki mw\u2019irangurwa ry\u2019Umugambi Ndongoramigambi\nw\u2019imyaka cumi? Nzoterera iki mu mugambi w\u2019igihugu wo gukingira ibidukikije <strong>\u00abEwe Burundi Urambaye\u00bb<\/strong>? Mfise uruhara\nuruhe mu migambi yo kurwanya ubukene n\u2019inzara, kurwanya ibiturire n\u2019isesagurwa\nry\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu, kuvyara ku rugero n\u2019iyindi migambi y\u2019igihugu? <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa<\/strong> <strong>kabiri:<\/strong> Incabwenge\nzisabwe kubera akarorero n\u2019icitegererezo abandi mu kwitegurira imigambi, mu kugaragaza\ninyifato ibereye uhereye mu muryango, mu kibano, mu ncuti n\u2019abagenzi, mu kazi\nn\u2019ahandi hose. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa<\/strong> <strong>gatatu:<\/strong> Tuvavanure\nn\u2019agatima ko kuzera vyose kuri Reta, nyabuna dukoreshe ubwenge n\u2019ubumenyi\ntwaronse &nbsp;mu kwitunganiriza imigambi mito\nmito yunguka.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa<\/strong> <strong>kane: <\/strong>Twame\ntwitwararika ko uwukize akiza abandi, ababishoboye turwize akazi duhereye iyo\ntwataye uruzogi, twongere turemeshe abo twahasize mu kubatera intege no\nkubaterera ivyiyumviro nkaburabwenge. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa<\/strong> <strong>gatanu:<\/strong> Ntitwinenaguze akazi,\ntuzirikane ko atamwuga udakiza uretse uwo kuroga; turangurane umwete n\u2019ubwira\nakazi tujejwe, tuzirikane ko \u00ab&nbsp;<strong>Imana\nidaha uwicaye&nbsp;\u00bb, <\/strong>kandi ko\u00ab<strong>Imp\u0113r\u00e1 ari iy\u2019uwakoze\u00bb<\/strong>. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubwa<\/strong> <strong>gatandatu: <\/strong>Twijukire\ngukorera mu makoperative no mu yandi mashirahamwe; twame twibuka kandi\ntwibukanya ko <strong>\u00abTubiri\ntuvurana ubupfu\u00bb<\/strong>, ko &nbsp;<strong>\u00abUmutwe umwe utigira inama\u00bb,<\/strong>\nko <strong>\u00abImitwe\nikora ikoranye\u00bb<\/strong>, ko <strong>\u00abInyakamwe inyaga imwe\u00bb.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019indwi:<\/strong> Duterere agacumu k\u2019ubumwe mu kurwanya inzara n\u2019ubukene,\ntutibagiye kurwanya ibiturire n\u2019isesagurwa ry\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019umunani: <\/strong>Dusome amategeko y\u2019akazi kandi tuyagendere\nkuko akazi karangurwa neza iyo abakozi bazi amategeko akagenga kandi bakayubahiriza.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icenda: <\/strong>Umukozi wese asabwe gukora nk\u2019uwikorera. Ntihagire n\u2019umwe azosubira\ngukora nk\u2019umucangero. Vavanure n\u2019imvugo yataye igihe ngo<strong> \u00abAkazi k\u2019ibwami kica uwicaye\u00bb,<\/strong> canke ngo <strong>\u00abReta ntihomba\u00bb. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi:<\/strong> Turasavye dushimitse ko akazi kohabwa abagashoboye kandi kagatangwa ata\nnkunzi canke mpingayanje. <strong>Dusavye\nababijejwe guhana bihanukiriye uwo wese bizogaragara ko yatanze akazi abanje\ngusaba canke guhabwa igiturire.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi na rimwe:\n<\/strong>Abakoresha bokwitwararika gukarihiriza ubwenge\nabakozi, abo nabo bagaheza bagasabikanya ubuhinga n\u2019ubumenyi barahuye na\nbagenzi babo.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi na\nkabiri: <\/strong>Turasavye dushimitse Abarundi bose, iyo bari hose ngo\nbijukire kubitsa amahera mu mabanki yo mu Burundi no kurangurira imigambi mu\ngihugu cabo. <strong>Turararitse kandi Abarundi\nbose ngo bijukire amasandugu yo kuziganya no kuguranana<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi na\ngatatu: <\/strong>Dusavye amabanki kugabanya inyungu baka abasavye\ningurane, ahubwo bongereze inyungu baha ababitsa.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi na kane: <\/strong>Abarundi twese duhamagariwe kubungabunga inyubako\nrusangi, tureke kwisamburirako. Tuboneyeho kumenyesha ko hari ibihano\nbitekekanijwe ku bonona inyubako rusangi, kandi ko ubutunzi bw\u2019Igihugu\nbwihagiwe butegerezwa kugaruzwa.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Ubw\u2019icumi na\ngatanu: Abakoresha bose basabwe kwiyubara ku ngingo zose bafata. Kuva ubu\nabakoresha bazirikane ko Reta atari yo izobazwa ingingo zitaroranye zafashwe\nn\u2019abakoresha, ko mwene izo ngingo zizobazwa nyabuna bene kuzifata.&nbsp; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Barundi, Barundikazi,<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Bakozi, namwe Bakoresha;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Uyu musi mukuru uhimbajwe mu gihe Abarundi bari hanze\ny\u2019Igihugu bariko baratahuka ku bwinshi. Dusavye Abarundi bose kwakirana urweze\nabo benewabo, basabikanye umwimbu babasanganye. Abatahutse na bo tubasavye\ngushikira ku kivi, biteze imbere, bongere bateze imbere Igihugu.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Duhimbaje uyu musi mukuru hasigaye umwaka ngo tuje mu\nmatora ya 2020. Turashimiye Abarundi bamaze gutegera ko <strong>\u00abAkimuhana kaza imvura ihise\u00bb<\/strong> mu guterera urwo rubanza rudasanzwe\ntwimirije. <strong>Turashimishwa n\u2019intambwe\nduteye mu kwitegurira Amatora ya 2020, tugaca tuboneraho kumenyesha abo vyagoye\nbakikora ku ntererano z\u2019amatora ko ukwezi kwa Rusama nikwarangira\nbatarazisubiza bazoshengezwa.<\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li><strong>Turashimiye kandi turakeje Abarundi bose bama bitwararika kuramira\nbenewabo bari mu bibazo. Turashimiye cane cane ihuriro ry\u2019Amasendika y\u2019abigisha\nCOSSESONA ku mutima wo kwitanga bamaze imisi bagaragaza. Ni bakomere ku muheto\nturabashigikiye.<\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Imbere yo gusozera, turasubiye gushimira no\ngukeza abo bose bitanga mu guteza imbere abakozi n\u2019akazi. Turakeje cane urwaruka\nrumaze kwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere, rukagwiza akazi kandi rukagatanga.Tukaba turwemereye ko Reta\nizorushigikira.<\/li><\/ul>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\"><li>Turasubiye kwipfuriza Abarundi bose umusi mukuru mwiza\nw\u2019abakozi n\u2019akazi, umusi wo kuzirikana akazi n\u2019iteka kaduha, maze tukarangure\ndushira imbere umwumvikano hagati y\u2019abakoresha n\u2019abakozi, kandi twitwararike\ngukwirikiza amategeko y\u2019akazi. Imbere ya vyose, twame tuzirikana iki civugo: <strong>\u00ab&nbsp;Burundi bwacu, Burundi buhire,\ntugutuye amaboko, umutima n\u2019ubuzima\u00bb.<\/strong><\/li><\/ul>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Imana ihezagire abakozi bose;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Imana ihezagire Uburundi n\u2019Abarundi;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Murakoze!<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Barundi, Barundikazi, Bakozi, namwe Bakoresha; Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n\u2019abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, twama twigina umusi mpuzamakungu w\u2019abakozi n\u2019akazi. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye. Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana Mushoboravyose yo dukesha ivyo twaranguye kandi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_bbp_topic_count":0,"_bbp_reply_count":0,"_bbp_total_topic_count":0,"_bbp_total_reply_count":0,"_bbp_voice_count":0,"_bbp_anonymous_reply_count":0,"_bbp_topic_count_hidden":0,"_bbp_reply_count_hidden":0,"_bbp_forum_subforum_count":0,"footnotes":""},"categories":[518,515,519,538,725],"tags":[873,686],"class_list":["post-4548","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-burundi","category-homepage","category-kirundi","category-promoted","category-tabac","tag-b-face-2","tag-president-pierre-nkurunziza"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v21.3 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>Ijambo Nyenicubahiro umukuru w&#039;igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n&#039;akazi - Indundi Culture | Magazine<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w&#039;igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n&#039;akazi - Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Barundi, Barundikazi, Bakozi, namwe Bakoresha; Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n\u2019abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, twama twigina umusi mpuzamakungu w\u2019abakozi n\u2019akazi. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye. Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana Mushoboravyose yo dukesha ivyo twaranguye kandi [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Indundi Culture | Magazine\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2019-04-30T13:06:05+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/04\/Nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-cacu-1024x683.jpg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"admin\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"admin\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"9 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/\",\"name\":\"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w'igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n'akazi - Indundi Culture | Magazine\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\"},\"datePublished\":\"2019-04-30T13:06:05+00:00\",\"dateModified\":\"2019-04-30T13:06:05+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/\"]}]},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w&#8217;igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n&#8217;akazi\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website\",\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/\",\"name\":\"Indundi Culture | Magazine\",\"description\":\"Burundi Entertainment\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":\"required name=search_term_string\"}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87\",\"name\":\"admin\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"contentUrl\":\"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm\",\"caption\":\"admin\"},\"sameAs\":[\"https:\/\/bagenzinet.com\/INDUNDI\"],\"url\":\"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/admin\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w'igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n'akazi - Indundi Culture | Magazine","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w'igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n'akazi - Indundi Culture | Magazine","og_description":"Barundi, Barundikazi, Bakozi, namwe Bakoresha; Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n\u2019abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, twama twigina umusi mpuzamakungu w\u2019abakozi n\u2019akazi. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye. Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana Mushoboravyose yo dukesha ivyo twaranguye kandi [&hellip;]","og_url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/","og_site_name":"Indundi Culture | Magazine","article_published_time":"2019-04-30T13:06:05+00:00","og_image":[{"url":"http:\/\/indundi.com\/wp-content\/uploads\/2019\/04\/Nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-cacu-1024x683.jpg"}],"author":"admin","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"admin","Est. reading time":"9 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/","name":"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w'igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n'akazi - Indundi Culture | Magazine","isPartOf":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website"},"datePublished":"2019-04-30T13:06:05+00:00","dateModified":"2019-04-30T13:06:05+00:00","author":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/"]}]},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/burundi-ijambo-nyenicubahiro-umukuru-wigihugu-ashikirije-ku-musi-wahariwe-abakozi-nakazi\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Ijambo Nyenicubahiro umukuru w&#8217;igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n&#8217;akazi"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#website","url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/","name":"Indundi Culture | Magazine","description":"Burundi Entertainment","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/?s={search_term_string}"},"query-input":"required name=search_term_string"}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/6f9465288b1bcd746b6826cea5c1cf87","name":"admin","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/#\/schema\/person\/image\/","url":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","contentUrl":"\/\/www.gravatar.com\/avatar\/3d649179d984570857921b38efabbced?s=96&#038;r=g&#038;d=mm","caption":"admin"},"sameAs":["https:\/\/bagenzinet.com\/INDUNDI"],"url":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/members\/admin\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4548","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4548"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4548\/revisions"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4548"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4548"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/indundiculture.com\/magazine\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4548"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}