BurundiSpirituality and progressUncategorizedyouth

Ivyo ukora winyegeje ni vyo bizokwegenyeza.

Muri bino bihe tugezemwo akaranga k’ ingo nyishi karatitutse cane gushikahokurenga ibigo bisigaye bimeze nk’ibikino vy’ama reresi(cinema) canke urwenya(Comedy )

“Ukwubaka si ukujandajanda”

Ibanga ryo kwubaka n’ibanga rihambaye cane kandi nico gituma abana babantu baciye bashiraho amasezerano yo kwubaka maze banayegerekako indahiro.
Uwu musi ndashaka tuganire ku ndagano zikorwa hagati y’abubakana haba kwubako Rukristu canke gusezerana bitegekanywa n’amategeko y’ibihugu.
Ku mvo z’uko ayo masezerano ari maremare atokwirwa muri runo rwandiko nashimye tuyage kw’ijambo rivuga riti: “Tuzotandukanywa n’urupfu.”
Irijambo rirakomeye ariko kugira uritahure neza wokwifashisha igitabo ceranda ca bibiliya mw’itanguriro yaco niho cerekana imvo.
Imana irema umuntu yabonye ko atamufasha numwe yobona aberanye nawe muvyo yaremye vyose nikwo gusinziriza uwo muntu imukuramwo igufa rimwe rudende mu rubavu ica imuremeramwo umufasha baberanye.
Abakora benayo amasezerano yo kwubaka babanza gucagura umufasha baberanye hanyuma bakaja gusezerana.

Harutubazo umuntu wese yokwibaza, arya masezerano benshi boba bayigishwa? Hoho baratahura ivyanditse? Ama sentare yuzuye Imanza z ‘abashaka kwahukana.
Ko duheza kuvuga ko (urupfu rwonyene arirwo ruzodutandukanya) niyihe mvo iyindi yihinduye urupfu?
Mu ma manza arunze muri sentare, ukurenga ibigo ni kimwe mu mvo zigaruka cane zituma ingo zisambuka. Aha rero twagomba gukebura uwo muntu  wese  utuma abubakanye basambura ko yoguma azirikana ko ariko araruhama .

Hari abafise ingwara y’ukwifuza ivy’abandi, ugasanga iyo umuntu akiri umusore canke inkumi ntibamurondera yamara babonye yubatse bagatangura kumiramitwa, kugirango gusa bamukureko agahuzu , bwaba mu buryo bw’impwemu eka no mu buryo bw’umubiri nyene.

Na narirya rero , ubwenge bw’umuntu bwibagira ni ngoga, abahinga barahanura ko abubatse boheza bakaza barasubiramwo  indagano zabo uko bukeye uko bwije, maze gutyo umwe wese yamane na ntaryo ko urugo arimwo arurimwo kubera ivyo yaranganiye uwo babanye, Imana hamwe n’abantu.

Tora akenge wanke kuba umuja w’umubiri. Nyabuna ube uw’impwemu kuko ejo umubiri ukakuvako, muri Sentari z’impwemu iyo uzoba uri, ivyo ugira winyegeje uwu musi nivyo nyene bizokwenyegeza kurya kw’inkwi mu muriro. Nta na kimwe gihishijwe mu buryo bw’impwemu!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 325