BurundiEntertainment

Sat-B yashikirije amwe mumajambo umukuru w’igihugu yamubwiye nk’iragi kurwaruka

Bizimana Aboubakar Karum azwi cane nka Sat-B ni umwe mubaririmvyi bagaragaje akababaro n’uruhombo runini inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook ni Sat-B yanditse amwe mumajambo yaganiriye n’umuhisi aho yamwibutsa ibihe bigoye yigeze gucamwo imbere yuko aba umukuru w’igihugu Sat-B yanditse agira ati:”
Yambwiye ati  navuye mumashure y’intango, Nunguruje ay’isumbuye kuri athenée primaire, Nkuko ari mugisagara abana baho baranyita umukuyakuya, iyo hageze ko dukina umupira babikora nkababara ! Gusa umunsi bampa akaryo ko gukunda basanga nd’umukinyi akomeye, maze ndatsinda ibitsindo 2 baca baranterura mba kizigenza wabo.
Iragi n’uko urwaruka rufise impano
RwoziKoresha uko bikwiye.
Dusaba abandi abavyeyi bazoza bazokurikira kuzokwita ku mpano , indero , n’iterambere ry’urwaruka
#RIPNkurunziza 😥😓.”
Ayo niyo majambo umuririmvyi Sat-B yashikirije inyuma yaho haheze imisi itatu atakindi kintu uwomuririmvyi ariko arakora yaba ikijanye n’umuziki wiwe canke ibindi bikorwa atari uko yerekana akababaro no kubandanya yerekana bimwe muvyo yayaze na Nyakwigendera umukuru w’igihugu Prezida Petero Nkurunziza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 437