Uncategorized

Muha niyo yatahukanye ihiganwa rya Handball

Hariciye iminsi ,abakinyi ba Handball bavuye mu mirwi itandukanye bahurira buri yinga mu nkino.Imirwi ine ariyo nord 1 ,nord 2 , Sud na centre niyo yitavye iryo higanwa mu bagabo hamwe n’imirwi ibiri y’abakenyezi Imishana A na Imishana B.

Kuri uyu w’Imana niho hakinwa inkino za nyuma muriryo higanwa ryatunganijwe n’imishana isanzwe ari ihuriro ry’abakinyi bose bakina Handball .

Mu rukino rwa nyuma mu bakenyezi , Imishana A yatsinze Imishana B ku manota 32 kuri 22 baca batora Sandrine Samantha Niyonkuru nk’uwarushije abandi muri urwo rukino ,uyo mwigeze arazwi cane kuko akina umupira w’amaguru football muri Fofila no mu murwi nserukiragihugu Intamba z’abakenyezi .

Urukino rwarirurindiranywe igishika nkabakunzi ba Handball rwahuje Sud na Nord 1 , umurwi Sud ariwo userukira komine Muha watsinze Nord 1 iserukira komine Ntahangwa amanota 32 kuri 26 .Nganji Gauthier niwe yatowe nka MVP.

Ingénieur Désiré Nkurunziza yatunganije iryo higanwa yabwiye Indundi sports ko ihiganwa ryagenze neza mbere bategekanya gutunganya ihiganwa nkiryo mu ndwi zibiri ariko rigahuza imirwi ine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55