groups-at-messageInkino

Aba nibo bahabwa amahirwe yo gutahukana agashimwe k’umukinyi akiri muto

Nkuko mubizi ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ryo muri uyu mwaka wa 2019 ushira uwa 2020 ryaraye rirangiye .

Umugwi Messager Fc w’ingozi niwo watahukanye igikombe co muri uno mwaka .

Buri mwaka iryo ihiganwa riheze mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bama batanga udushimwe dutandukanye tw’abakinyi bama bitwaye neza babicishije kwitorwa ry’abamenyeshamakuru b’inkino bama bakurikirana hafi inkino za Primus league .

Mudushimwe batanga harimwo agashimwe ku mukinyi mushasha yakinye ubwa mbere mu cicaro ca mbere akiri muto bita ( Révélation de l’année), abakinyi nka Arthur Nibikora akinira Messager ngozi, Muderi Akbar nawe nyene akinira Messager ngozi hamwe n’umunyegori w’umugwi BS Dynamic Hallidi Mossi nibo abantu baha amahirwe y’uko bazotorwamo umwe muri abo batatu yitwaye neza gusumba abandi.

Amateka bakoze muri uno mwaka ni aya:

1) Arthur Nibikora afise imyaka 19 asanzwe ari umusatirizi akaba yararangije ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka wa 2019 ushira 2020 yinjirije umugwi wiwe ibitsindo 9 , akaba yaje muri Messager Ngozi avuye mu cicaro ca gatatu .

2) Halidi Mossi afise imyaka 18 ni umunyegori w’umugwi Burundi Sport Dynamic yawuduganye mu cicaro ca mbere uyu mwaka akaba awufashije kandi kurangiza ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ryo muri uno mwaka wa 2019 ushira 2020 uri mu kibanza ca 4

3) Muderi Akbar afise imyaka 19 asanzwe ari umukinyi wo hagati w’umugwi Messager Ngozi, yashoboye kwinjiriza Umugwi wiwe ibitsindo 5 mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka wa 2019 ushira 2020 , anatanga n’imipira ishika kuri 6 yavuyemwo ibitsindo , akaba yinjiye muri Messager Ngozi uyu mwaka avuye mu mugwi Limière Fc ukina mu cicaro ca kabiri hano iwacu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23