bp-members-invitationgroups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Umurundi agiye kumenyereza Ac Muhanga mu Rwanda

Uburongozi bw’umugwi Ac Muhanga uri mu cicaro ca mbere bwaraye bwemeje ko bumaze kwumvikana n’umumenyereza w’umurundi Ismail Nduwantare inyuma yo gutandukana nuwari umumenyereza w’uwo mugwi Mbarushimana Abdou bivurwa ko yamaze kwerekeza muri Bugesera Fc .

Ismail Nduwantare akaba amaze kwumvikana na Ac Muhanga mbere kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi 2020, aza kurara ashize umukono ku masezerano  yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c’umwaka .

Akaba yasabwe n’uwo mugwi kuwugumiza mu bibanza 8 vya mbere ndetse aranasabwa ko yokwubakira umugwi Ku  bakiri bato.

Ac Muhanga ikaba yarangije ihiganwa ry’uno mwaka ifata ikibanza ca 11 n’amanota 27, ikaba iri mu migwi yagize ibibazo vyinshi vy’uburyo .

Nduwantare akaba yari amaze amezi ata kazi afise inyuma yo kutitwara neza muri Gicumbi Fc, ivyatumye uhagarika amasezerano wari ufitaniye nawe.

Akaba yamenyereje imigwi ya hano iwacu nka , Prince Louis , Inter Star , Flambeau de l’Est, Delta Star hamwe na Kayanza United .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23