Mu kiganiro yakoranye na Afrique Media, uwigeze kuba umenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba umunya Algeria afise ubwene gihugu bw’ububirigi Adel Amrouch yavuze ko adashobora kumenyereza mu gihugu ciwe .
Yagize ati :
” Naragerageje kwirinda kumenyereza muri Algeria kuko nabaye hagati muri Afrika hamwe no buraruko .
” Naragerageje kuba muri USM Alger ndetse ndanahakinira ariko vyaranse ko niyumvamwo ihiganwa ryo mu buraruko biragoye gusigura”
Adel Amrouch akaba yamenyereje Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ikiringo c’imyaka 5 kuva mu mwaka wa 2012 gushika mu mwaka wa 2017.
Hampande yo kumenyereza u Burundi amaze kumenyereza imigwi nserukira gihugu ya Kenya , Libye hamwe na Botswana .