groups-at-messageInkino

Amahiganwa ya CAN na AFCON yigijwe imbere ayandi arafutwa

Kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020, niho Komite y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa (CAF ) yakoze inama yo gufata ingingo yigiza imbere amahiganwa yayo abiri, ndetse iranafuta ayandi mahiganwa kumvo za Coronavirus .

Amakuru twaronse ava muri iyo nama yakozwe na Komite ya CAF avuga ko inkino z’abakinyi bakina mu bihugu vyabo bita (CHAN) zari zitegekanijwe kuba mu kwezi kwa Kane uyu mwaka zigijwe imbere gushika mu kwezi kwa nzero umwaka w’i 2021.

Ayo mahiganwa akaba ategekanijwe kuzobera mu gihugu ca Cameroun kuva muri nzero gushika muri Ruhuhuma.

Iyo komite ya CAF nyene yasubiye kandi irigiza imbere inkino zanyuma z’imigwi nserukira bihugu ya Africa ( AFCON) zari zitegekanijwe kuba mu mwaka wa 2021 zahiduwe zizoba mu mwaka wa 2022 Nazo zikazoba hagati y’ukwezi kwa Nero n’ukwa Ruhuhuma.

Komite ya CAF ikaba yakuyeko amahiganwa y’imigwi nserukira bihugu ya AFrica y’abigeme (AWCON) yari kuba muri uyu mwaka wa 2020.

Ku ruhande rw’inkino z’imigwi ( Club) CAF yafashe ingingo y’uko inkino zose z’igice ca kabiri gishira icanyuma n’izigice canyuma ( Finale) zizobera mu gihugu ca Cameroun kandi hakazokinwa urukino rumwe gusa Aho gukina inkino zibiri za ( Aller na Retour) .

Urukino rwanyuma rwa CAF confederation Cup ruzoba mu gihugu ca Maroc , mugihe urwa Champions league ruzoba Ku kibuga citiriwe Japoma kiri I Douala mu gihugu ca Cameroun.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23