groups-at-messageInkino

# Indundi Sports| Njali Abdallah yavuze icigeze gutuma adakinira TP Mazembe muri RDC


Uburozi bwinshi bwakoreshwa cane muri TP Mazembe nibwo bwatumye  Irambona Njali Abdallah adakinira umugwi ukomeye cane muri Afrika nka TP Mazembe wo muri Repubirika iharanira demokarasia ya Congo.

Uwo yigeze kuba umukinyi w’intamba mu rugamba akaba yabivugiye mu kiganiro kuri Radio 10 yo mu gihugu c’ uRwanda .

Abdallah yigeze gukinira Inter Star mu mwaka wa 2010, yavuze ko igihe yari yashoje amasezerano avuye muri Kiyovu Sports yaciye yerekeza mu gihugu ca Repubirika iharanira Demokarasia ya Congo gukorerayo igeragezwa .

Ahageze, igeragizwa rikaba ryaramworoheye ariko akaba atigeze yihanganira ibiriko bikorwa muri Mazembe kuko bakoresha umukinyi wa gatatu yemewe cane muri ico  gihugu uwo nawe akaba atari  uwundi  ari uburozi(amareba)  .

Abdalla akaba atavyerekwa na gato ivyaciye biba ngombwa ko ava  muri TP Mazembe.

Njali akaba yaramaze gukukuruka, muri kino gihe abarizwa Ku mu gabane wa Bulayi mu Bufaransa.

Yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Elite Fc , Inter Star mu Rwanda yakiniye APR FC hamwe na Kiyovu Sports , yakinye no mu gihugu ca Vietnam, hamwe na Oman.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23