UncategorizedUrwevu

Urwevu: Iyo umwansi aguma atera igere, ni uguhindura umukenyuro!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo.

Nya hayo handitse ntya:

“Abantu banje izina ryanje ryambarijweko nibicisha bugufi bagasenga kandi bagaheba inzira zabo mbi, jewe, iyo ndi mw’ijuru nzobumviriza ndabarekurire ibicumuro vyabo, nkize igihugu cabo. ( 2 ivyabaye7:14) 2 Cloniques 7:14.

Umuntu rero agaheza agaca yibaza ati , ego data ivyo ndavyumvise, ati kandi mbere vyama bivurwa. Nkako kuva mu buto bwacu, haba abavyeyi, haba abandi barezi bose ntibigeze bahengeshanya  kutwigisha ibitari bike, uhereye ku mabwirizwa y’imana, aho mbere twaheba tukayaririmba misi yose kurya kw’inyomvyi zigina umutwenzi.

Yamara rimwe na rimwe iyo tugeze imbere y’ibinyamubiri bivugira ubugombe vy’umubiri, ya mabwirizwa yooose, na zanyigisho zose bigaheza bikayonga kurya kw’ishashara maze umuntu akaza gutora akenge, ur’uko igicumuro gihejeje kumugazagurira umushaha, kikaiwuca ibihengeri.

Uwaciye urwevu mu buryo bw’impwemu araheza rero akama azirikana nyabuna ko , ukurondera mu nyonga z’Imana ari intambara za misi yose. Ntaheza ngo arindira ku musi wiswe uw’Imana( nk’uko umengo iyindi si iy’Imana) ngo abe ariho atora bibiriya n’agahuzu kagoroye aheze  agororoka aje ahiswe mu ngoro y’Imana nk’uko umengo inzu tubamwo zozo ni ingoro z’ibindi bintu, canke ukaja mw’isengero( nk’uko umengo inzu abamwo yoyo yokorerwamwo ibindi gusa).

Muti none umuntu yorwana intambara nyabaki?

Intambara y’ukurwana ya misi yose ni intambara ijanye n’uguhinduka. Mu kiringo rero dufise ibishobisho bihahamiye uburyohe bw’umubiri, turaheza tugasanga ibinyamubiri vyavyo vyama biriko biraturyosharyosha, bikaduha ivyiyumviro vy’ukwitahura mu gihe twafashe inzira zinyuranye n’ivyo impwemu z’Imana, maze tukihutira kuvuga duti” biragoye, kandi turi abantu”. Uri umuntu aha kw’isi, none iyo uzoja uzoba uri iki?

Muti none norwanira iki?

Ibivurwa bijanye n’uko ijuru rihari, y’uko hari ahandi hantu tuzoja inyuma y’urupfu ntubifate nk’ibikinisho kuko NIVYO!!! Hakwihutira  kubibona nk’ibitito canke ibisokozo nyabuna riko iyo uba uciye urwevu wokwihutiye kuba ari vyo usaba Imana ikaguhako umuco. Nico gituma ivuga iti ndondere!

Muti none twoyirondera gute?

Noneho ndazi ko uzi ibitari bike, kuko nkuko twabivuze twakuze benshi arizo ngaburo batugaburira.Yamara nk’uko namwe mubibona,  inyigisho twahawe ntazabujije ko ibintu biyangara aho ,abatari bake tugendera mu mwiza, yaba twebwe bigishwa eka mbete na bamwe mu babitwigishije.

Imbere y’umwansi atarekura, ni uguhindura umukenyuro.

Mu bihangange Imana yakoresheje muri Bibiliya, turasanga Umwami Dawudi yaragerageje kurwana intambara zikomeye z’ukurondera ko yokwibera mu ngoro y’Imana , ivyo rero bikana vyama bimutuma atakamba abwira umukama ati , yereka ntumpebe nyabuna nyereka mu nyonga zawe.

Ni kuri iyo mvo rero, dufatiye ku muco( Urwevu) twahawe muri iyo nzira, woheza ukagerageza ibi bikurikira: tora izaburi (psaumes) ya 4,27 na 61 uheze wame uzisoma misi yose, uko uvyutse, ukugo kandi ugiye kuryama, kandi wumve ko atayindi ntumbero ufise atar’uko Umukama yoteba akaguha umuco, maze ukagendera mu nyonga ziwe gushika aho rero uzoja kwibera iyo aba, mu ngoro yiwe, ahazira imiyaga y’ibihuhusi.

Ayo majambo y’izo zaburi uko uzogenda urayavuga niko azogenda aranyengetera n’ukmugezi w’amazi meza azoba azoba ariko arashororokera mu kakarima kawe Edeni mazi agatotahaze, akaranduremwo urwire kandi yongere agakomereza inzitiro koye kuza karasoromwa n’inyamaswa z’ivyangare.

Uzoheza kandi uze urongerako n’akandi gasabisho kajanye n’ivyifuzo vyawe yamara uzi ko bitanyuranye n’ivy’Imana.

Gutyo, inzamba niyavuga, uzoheza wigurukira kurya kw’akanuma!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 67