groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Umukinyi mwiza wa Primus league mu nzira yerekeza muri Maroc

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi Aigle Noire yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2019-2020 Nshimirimana Jospin mu nzira yerekeza mu gihugu ca Maroc mu Mugwi  SC Chabab ukina mu cicaro ca kabiri.

 

Ku makuru  ava muri Aigle Noire ni uko uyo mukinyi ivyiwe bimaze kurangira akaba amaze amaze no gushira umukono Ku masezerano yo gukinira uwo Mugwi mu kiringo c’imyaka 4.

Uwovuga yuko Jospin Nshimirimana ari umwami w’ibitsindo w’ihiganwa rya Bangabandhou Gold Cup ryari ryitabiriwe na Aigle Noire mu kwezi kwa nzero(01) mu gihugu ca Bangladesh ntiyokwibesha kuko niwe yatahukanye ubushimwe bubiri icarimwe yatahukanye agashimwe k’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi hamwe n’akumukinyi mwiza yaranze iryo higanwa .

Hampande y’ubwo bushimwe yafasha ikibanza ca kabiri mu basatirizi binjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2019-2020 akana yinjije ibitsindo 18, ndetse aranatorwa nk’umukinyi mwiza yitwaye neza gusumba abandi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23