groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Alain Muhirwe nawe ntakibarizwa muri Buja FM

Umumenyeshamakuru Alain Muhirwe yahora akorera insamirizi buja FM muri kino gihe ntakibarizwayo .

Mu kiganiro Indundi Sports yakoranye na Alain  yavuze icatumye atabandanya kuri iyo nsamirizi ngo ni uko igihe cari cageze kuko imyaka 5 n’amezi 7 iramaze rero hari ko hageze ko ahindura .

Alain muhirwe akaba yahambije bagenzi biwe bigeze gukorana muri iyo radio aribo Gisa Steevo , Landry Rukundo hamwe na Kevin Gakiza nabo nyene batakibarizwa muri iyo radio Aho benshi bavuga y’uko icoba catumye abo bamenyeshamakuru bakinjura muri radio buja FM ni ukudahabwa agaciro .

Bose hamwe uko ari batatu muri kino gihe bakaba babarizwa ku nsamirizi  Destiny FM bakazoba bakora ikiganiro c’inkino citwa planet Sports .

 

Mwomenya ko Alain Muhirwe yigeze gukorera ikinyamakuru Indundi Sports igihe kitari gito.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23