Kizigenza wa Argentine na Fc Barcelona Lionnel Messi yavuze y’uko yipfuza gusezera mu mugwi Fc Barcelona muri uno mwaka .
Bikavugwa y’uko amaze kubibwira kubibwira uburongozi bw’umugwi Fc Barcelona.
Uwo mukinyi akaba yarashavujwe cane no gutsindwa na Bayern Munchen ibitsindo 8-2 mu rukino rw’igice ca Kane gishira icanyuma ca UEFA Champion league .
Amakuru avuye muri Espagne avuga y’uko uwo mukinyi yaranse kwongereza amasezerano mashasha bataguze abandi bakinyi bashasha bakomeye .
Mwomenya ko Lionnel Messi ariwe mukinyi wa mbere amaze gutwara imipira y’inzahabu myinshi akaba afise imipira (6).