Uncategorized

#Diaspora| Ababa muri Ethiopia, Djibuti, Algeria,Eritrea,barashigikiye cane abarundi baba Sudani Y’Epfo

Abarundi baba ku mpande zine z’isi babandanya kwitegurira indwi y’abahariwe izohimbarizwa hano mu gihugu cacu muri Mukakaro 2021, muri Sudani Yepfo ho bariko babikora mu kuja hamwe,kwikomeza, no gutora indongozi z’ inzobere.

Abarundi  baba canke barangurira imirimo muri Sudani Y’epfo bamaze gutahura ko kuja hamwe bagafashanya iriyo nzira yonyene yobateza imbere, bahavuye bahamvya abandi barundi ku rwego rw’isi bashinga ishirahamwe rizwi kandi ry’isunga amategeko ya Diaspora y’Uburundi .

Mu ntango bikaba bitaboroheye nkuko twabibamenyesheje mu makuru yacu aheruka, ariko ishaka n’ubutwari bwa bamwe mu ndongozi ryatumye bashika ku ntambwe nziza, ivyo bikaba vyagaragariye mu nama yo kw’igenekerezo rya 06 Nyakanga2020 yabaye mu mutekano ntangere, ikaba yarangiye bihaye n’intumbero yo gutunganya iyindi izobashitsa ku matora y’indongozi zizosubirira izahahora.

Muri iyo nama bakaba bari barungikiwe n’ubutumwa bwo kubashigikira no kubatera intege buvuye mu ma diaspora y’abarundi abarizwa mu bihugu nka Ethiopia, Djibuti, Algeria,Eritrea n’ahandi.

Diaspora yo muri Sudani yepfo n’ubwo atari iyakera cane bikaboneka ko ihagurukanye inguvu uravye urugero rw’izindi zo mu karere ka Africa y’Ubuseruko zifashe.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55