groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Imyambaro ya Saido Ntibazonkiza yatanguye kugurishwa

Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba hamwe na Vital’o Fc Saido Ntibazonkiza yuguruye imangazine yo kugurisha imyambaro iriko iritazirano ryiwe yise Lion 10.

Iyo myambaro yiwe ikaba ari Imipira bita ama T shirt umwe igurishwa Ku guciro c’ amafaranga 35,000fb , Inkofero imwe ikaba igurishwa amafaranga 20,000fb hama hakaba n’izindi T shirt ziri mu bwoko bwa polo nazo zikaba zigurishwa kuva Ku mafaranga 80,000fb n’ayarenga .

Ku bantu bipfuza kugura iyo myambaro ya Saido Ntibazonkiza boyisanga Ku mangazine yiwe iri mu Buyenzi kw’ibarabara rya 12/21 .

Tukaba tugiye kurondera Saido Ntibazonkiza kugira ashobore kutubwira Aho yakuye ico ciyumviro co kugurisha imyambaro yanditseko izina ryiwe n’inyungu abaona kuriwe we.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23