groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Jumaine yaraye ahawe agashimwe ka BCM

Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 03 Gitugutu 2020, imbere y’uko urukino rw’indwi ya 5 rwahuje Musongati Fc na Kayanza United ruba abakunzi b’inkino bahurikiye mu Mugwi bise BCM ( Best Coach Of The Month )baha Umumenyereza w’umugwi Musongati Fc Niyonkuru Jumaine agashimwe k’umumenyereza yitwaye neza mu kwezi kwa Gitugutu 2020.

Jumaine mu nkino 4 za mbere umugwi  Musongati Fc arongoye wakinye watsinze inkino 3 unganya urukino 1 ivyatumye uwo mumenyereza atahukana agashimwe k’umumenyereza yitwaye neza.

Ako gashimwe kakaba kajanye n’ibahasha ry’amafaranga 100,000fb.

Mwomenya ko Niyonkuri Jumaine kuvaho ashikiye muri Musongati Fc yahinduye vyinshi muri uwo Mugwi harimwo no kuwandikishiriza amateka ubwa mbere mu gutwara igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu ivyatumye uwo Mugwi userukira Uburundi mu mahiganwa Mpuzamakungu y Africa y’imigwi izokina inkino za CAF Confederation Cup.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23