groups-at-messageInkino

# indundi Sports | Uburundi bwungutse ikibanza kimwe mu rutonde rwa FIFA

 

Umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba wungutse ikibanza kimwe mu rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri kwezi, aho ni inyuma yo gutsinda Tanzania.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Gutugutu umwaka wa 2020, ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryasohoye urutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza muri uku kwezi kwa Gitugutu.

Intamba zikaba zungutse ikibanza 1 zaciye ziduga mu mu kibanza ca 148 mugihe mu kwezi rwa Nyakanga intamba zari mu kibanza ca 149

 

Mu bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nka Tanzania twatsinze mu rukino rwa kivandimwe tuyisanga mu kibanza ca 134 , Urwanda nabwo tubusanga mu kibanza ca 133 , Kenya ikaba iri mu kibanza ca 103 , mugihe Ubuganda ubusanga mu kibanza ca 76.

Umuntu ntiyoreka kwibaza ico abajejwe gutunganya ivyo bibanza boba barabirako? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibaza ca mbere kikiri Ububirigi bugakurikirwa n’ubufaransa hamwe na Brezil .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23