Inkino

# Indundi Sports | Umukuru w’igihugu yaraye agendeye abakinyi b’intamba mu rugamba

 

kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 14 Munyonyo 2020, niho Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yaramutse agendera abakinyi b’intamba mu rugamba aho bari bamaze imisi mu mwiherero  muri Hotel Nonara iri mu gisagaca ca Bujumbura.

Umukuru w ‘igihugu akaba yabagendeye mu ntumbero yo kubatera intege kugira bazokwitware neza mu rukino rugiye kubahuza na Mauritania kuri uyu w’imana igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020 isaha Icenda 15h00 ku kibuga c’intwari .

Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije ari kumwe n’ abakinyi b’intamba mu rugamba yavuze ko yizeye ko abakinyi b’intamba mu rugamba bazotahukana itsinzi .

Mwijambo ryiteka agira ati” Turizeye ko muzotahukana itsinzi , burya hariho ikintu ntakunda , ni ugushimira umukinyi urukino ruheze. nico gituma naje ndabazaniye amata ( akabahasha ) Kugira ngo muzokine munonokewe”.

Iryo bahasha bahawe akaba atawuzi igitigiri c’amafaranga yarimwo ikaba yatowe na Kizigenza w’Intamba mu rugamba .

Mwomenya ko inyuma ya nyenicubahiro Umukuri w’igihugu c’uburundi kubaha na n’umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo asanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB nawe nyene yaciye yemerera agashirukabute kangana n’imiriyoni 4 kuri buri mukinyi ni baramuka batsinze Mauritania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036