Uncategorized

Kubwa bamwe ngo ku majambo Sat-b yashikirije n’uburozi bwoba burimwo

Kuri bamwe Sat-b ngo ashobora kuba yarozwe, abandi bamwemerera guca bashinga ikiroberi, abandi bakamwemerera kuzomushira imbere y’ubutungane kuko badashaka kumubura.

Isaha cumi n’imwe z’umuhingamo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12/11, ku rubuga rwa Sat-b, hashizweko ubutumwa aho yabaza abamukurikirana uko bokwiyumva ari nka hamwe bumvise ko indirimbo ziri mu EP buca ashira ahabona zoba arizo agiye gusezererako umuziki.

“Wobifata gute wumvise yuko iyi #RomanticsoundEp ari imwe izoba igize indirimbo zanke za nyuma mu muziki ndundi? Koko sinababaniye nabi? Abo vyabaye ko Grace Majorite imbabazi zanyu.” vyanditswe na Sat-b.

Ubwo butumwa bwakunzwe,butwengwa kandi bunababaza abarenga 2,700, abarenga 90 babusangiza abandi, nayo abarenga 300 bagira ico bashikirije “Commentaire”. Hari abamutahuye, abandi bamutera ivyatsi kuko batamushigikiye.

Mu butumwa butari buke bwabonetse kuri urwo rubuga, Sat-b asabwa kudaheba umuziki kuko afise ikibanza gikomeye mu muziki ndundi, abandi bakongerako ko ari nka hamwe agiye batosubira kwumviriza indirimbo ndundi, ahubwo bosubira guhurumbira umuziki w’abanyamahanga.

Nta yindi ndirimbondundi nokwumva nkubuze.
Sat-b nk’abafana bawe tukuri inyuma kandi ubu umuziki uwufise mu minwe.
You mean Something in Burundian Music.

Sat-b yanabwiwe kandi yohava ashirwa imbere y’ubutungane ari kamwe ahirahiriye akabikora, kuko abafana yoba abataye bonyene. Hari n’abamubwiye ko bohava bashinga ikiroberi bangana n’abahora baja kumuraba muri Guerra Plazza, noneho bakamutera.

Uce witega kuva mu gihugu kuko nta mahoro woturonkana.
None ndakubaze nanje,uribaza ko worya ukaryama uturyamaniye umunezero? inyishu kuri jewe ni Vyanse mu butungane twogutera aho woba uba nkuko wabibonye mu kanyosha, batwirukanye tugafonda ikiroberi kingana n’abantu baza muri guerra plaza…

Ariko naho wumva ko abenshi bamutera ubwoba, hari n’abandi bibaza nimba kwoba ari ukwunguruza umuziki, noneho akava mu muziki ndundi akerekeza mu muziki wa East Africa, n’ukuvuga akaririmba mu giswahiri, canke nimba yoba agiye kuririmbana mu rwego mpuzamakungu.

Ivyo bikaba biruko rero mu gihe abandanya guhimiriza abantu kumukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha zisanzwe zijako umuziki yaba Spotif, Deeze,n’izindi zitandukanye zibarizwako umuziki wiwe, mu kurindira ko umusi nyezina ugera noneho agashira ahabona Ep yitiriye Romantica Sound.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55