Inkino

Confederation cup: Musongati Fc igiye kwakira Green Eagles ata barorerezi kubera Covid -19

 

ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Munyonyo 2020, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari niho umugwi Musongati Fc uzokwakira umugwi Green Eagles Fc wo muri Zambia mu rukino rwa CAF Confederation Cup.

Mu misi iheze ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryari ryasavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru wa Africa CAF y’uko ryoreka izo inkino za CAF Champions league hamwe na CAF Confederation Cup zitabirwe n’abarorezi ariko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 munyonyo CAF ryahavuye ryishura FFB y’uko bidashoboka izo nkino zose zizokinwa ata barorerezi bari mu kibuga.

Mwomenya y’uko hampande ya Musongati Fc izokwakira Green Eagles Fc hano i Bujumbura, umugwi Messager Ngozi wowo uzoba werekeje muri Eswatini gukina n’umugwi Young Buffaloes .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036