East Africa NewsAkes DonEntertainmentMagic Soldier Kingorongoro

Jackline Wolper vyamunaniye kwihangana aho yari mu giteramo

Uwakojeje agati mu ntozi ngo n’umuririmvyi mushasha muri Tanzania, aho yatumye Jackline Wolper atamba abantu bakarwa mu gahundwe.

Jackline Wolper ngo vyaramunaniye kwihangana, ariko ashima gutamba mu bantu azunza ibisusu, mu giteramo yari yitabiriye kuri uyu wa 15 ruhuhuma I Dar-es- sallam.

Nkuko amashusho dukesha urubuga rwa Youtube rw’ikinyamakuru Global Publisher avyerekana, uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umudandaza w’impuzu muri Tanzania yari yicaranye n’abandi bakinyi b’amareresi bagenziwe, aho asa nkaho ariwe yahashitse ubwa nyuma.

Amakuru dukesha urwo rubuga nyene abandanya avuga ko umwe mu baririmvyi bashasha muri ico gisagara ngo yoba ariwe yakojeje agati mu ntozi aho yoba yamukoze ku gisusu noneho uwo mukinyi ngo atangura gutambira mu ntebe. Ntiyahagaritse ahubwo ngo yoba yaranabandanije gushika aje imbere abandanya atamba.

Ugutamba kw’uwo mwigeme yahoze ari mu rukundo na Harmonize umwe mu bagize umurwi Wasafi, kwoba kutoroshe kubona kuko asanzwe ari umwe mu bakobwa badakunze kwerekanwa cane bariko abaratamba. Mwomenya ko Jackline kuva atandukana na Harmonize yoba ata wundi muhungu barasohokana, ariko kandi ngo boba bayaga bumvikana n’uwo yahoze ari umukunzi wiwe naho bamwe bibaza ko boba badacana uwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 339