groups-membership-request-rejected-by-adminInkino

Bigirimana Blaise yafashije Namungo Fc gusezera Al Hilal Obeid

 

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 05 Nzero 2021 mu gihugu ca Soudan, niho umugwi Namungo Fc wo mu gihugu ca Tanzania wari wakiriwe na Al hilal Obeid wo mu gihugu ca Soudan mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Confederation Cup, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yose inganije ibitsindo 3-3 , ivyatumye Namungo Fc isezerera Al Hilal Obeid bivanye n’uko mu rukino rwo gutangura rwari rwabereye i Dar es Salaam Namungo Fc yatsinze uwo mugwi ibitsindo 2-0 vyose hamwe bikaba vyaciye biba ibitsindo 5-3.

Muri ivyo bitsindo 3 Namungo yinjije harimwo igitsindo c’umusatirizi w’intamba mu rugamba Bigirimana Blaise .

Mwomenya y’uko uwo mugwi Namungo Fc ukinamwo abarundi bashika kuri 3 aho twovuga nka Bigirimana Blaise , Styves Nzigamasabo hamwe na Nahimana Jonathan.

Abakunzi ba Simba Sc ngo bagiye gukora ibishoboka vyose kugira baroge Saidi Ntibazonkiza, mbere n’umurozi azomuroga amaze guhabwa amazina y’uwo mukinyi.

Umviriza ingene ikiyago cagenze co kuroga Saidi Ntibazonkiza ngaha 👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

 

What's your reaction?

Related Posts