Uncategorized

Muri amerika abakiri bato bagiye nabo gukingirwa COVID-19

Aho bukera muri Leta zunze ubumwe za amerika, abayabaga guhera ku myaka 12 gushika kuri 15 bagiye gutangura guhabwa urucanco rwa COVID-19.  Urwo ruhusha rukaba rwatanzwe n’ikigo kijejwe kugenzura ibiribwa n’imiti muri Leta zunze ubumwe za amaerika (FDA).

Muri ico gihugu giharurwa muri 5 vya mbere vyasinzikajwe n’ico kiza, urukingo rwa Pfizer/BioNTech nirwo rwemerewe kuri uyu wa 10/5 n’ico kigo FDA. Nkuko umuyobozi Waco w’imfatakibanza yabishikirije, ngo bizotuma hakingirwa ama miliyoni y’urwaruka, ibizotuma haterwa intambwe ikomeye mu bijanye n’igitigiri gikenewe ngo ico kiza ntigisubire kugira inguvu muri ico gihugu.

Ico kigo kandi kikaba cizeza abavyeyi ko cagenziye bishoboka ibiharuro vyose bishoboka bimaze gutangwa, kugira hafatwe iyo ngingo y’ukurekura ngo abayabaga babashe kuzokwikingiza.

Ico gihugu kikaba kibaye ica 2 carekuye ngo urwaruka rwo muri iyo myaka rubashe gukingirwa, kuko ica mbere cari CANADA cateye iyo ntambwe mu ndwi iheze aho nabo bamenyesha ko urwaruka rugiye gukingirwa.

Inzu zigurisha imiti (Pharmacie) 20,000 zikaba zizokwifashishwa  kugira ngo ico gikorwa kibashe gukoreka.

Hampande y’urwo rukingo, hakaba hari inkingo Moderna na Johnson & Johnson  zirekuwe ku batari musi y’imyaka 18 y’amavuko.

Mwomenya ko ico kiza kuva mu ntango z’umwaka wa 2020 kimaze guhitana imiliyoni 3, nayo abarenga imiliyoni 159 bamaze kugwara, nayo abagera ku miliyoni 94,6 bakaba bamaze gukira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55