GospelIKIRUNDI_news

#Amashimwe_Voice|Gitero Lax niwe yahawe amasezerano

Amashimwe voice ni bamwe muri benshi bashaka iterambere ry ‘ umuririmvyi w’umurundi na cane cane abaririmba izo guhimbaza Imana.

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 18 Ruheshi 2021 niho bari baramutse bahamagara abanditsi n ‘ abamenyeshamakuru mu gikorwa co gushira umukono ku masezerano bakoranye na Appel Niyibigira benshi bari basanzwe bazi kw ‘izina rya (Gitero lax)Ubu yafashe inzira yo kuninahaza Imana muri rya jwi ryiwe ryiza

Ntibashimye kuvuga igiciro c’ amasezerano ndetse n’ingingo ziyaherekeza, ariko bakaba bagiye kumara imyaka 2 bariko barakorana bamufashe gutera imbere mu mpano yiwe mu duce dukurikira:
1:Gukora ibiteramo
2:Kuja muri studio
3: kumuhuza n’abaririmvyi b’ibihangange
n ‘ibindi bijanye navyo

Bakaba bashira imbere ko Imana ariyo izobafasha mu rugendo bagiye gutangurana kubwa Appel ngo arashima ayo masezerano

Amafaranga angana n’umuriyoni wamarudi niyo Niyibigira agiye atahukanye nk’intango y’amasezerano mashasha.

Album yiwe igiye gushirwa ku mugaragaro,
bakaba bemeye ko bazosubira guhamagaza abamenyeshamakuru mw’ishirwa ku mugaragaro y’urwo rukurikirane rwiwe rwakozwe n’abahinyanyuzi Barenga 6 bo mu Burundi no muri kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 5