Uncategorized

Urwevu: Raba uburyo bw’ugukira ingwara yitwa ” Sophophobia”. ( Canecane urwaruka).

isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uburyo bunyuranye bw’ugusenyura inzitizi zibuza kiremwa Muntu gushika ku Masonga Imana yamurungitseko.

Intumbero y’URWEVU ni ukugira turondere uburyo bwoshotse bushoboka bwotuma ubushobozi umuntu yaremanwe kamere bwoye guhura n’inzitizi maze ngo aruhire kubaho ubuzima budahimbaye. ( Human potentials development)

Mu rwevu duhejeje guca ubu nyene, dusanze ngo hariho ingwara yitwa ” Sophophobia’ . Nk’uko tubibona muri iryo jambo  harimwo amajambo abiri anyuranye. ”Sopho” arico kiva mw’ijambo ” Sophia” ico naco kikaba gisigura mu gifarasa ” Sagesse” nayo sagesse mu kirundi tukaba twocita ” ubwenge, ubumenyi”, urwevu)

N’ukuvuga rero ko iyo ari ingwara yo mumutwe ariko yinyegeje. Iraheza rero igatera abantu ngo kwumva badashaka kwiga. Umuntu akumva umengo ntabumenyi akeneye bigatuma gutyo yijukira ibindi hakurondera guca ubwenge canke urwevu.

Ivyo ngo biva kenshi ku bantu bakunda kwihweza bagasanga hari abaciye mu mashure akomeye mugabo mu mufuko hatameze neza yamara hari abatarinze kwigora cane maze yamara bakaba bafise ibikwegana.

Murumva ko haca haba ibintu bibiri biriko birarwana. Ubumenyi( Sagesse canke urwevu) hamwe n’amatungo y’isi.

ikindi naco cinyegeje kandi inyuma y’iyo ngwara ni ubwoba bw’uguhinduka( la peur du changement ) canke ubwoba bw’ico cose utazi ( La peur de l’inconnu)

Tugeze aha nyene, turaheza  tugaca dusubira guca urundi rwevu!!

Muribuka uko vyagenze aho Imana yashaka guha imihezagiro umwami Salomon? Yamuhitishijemwo ibintu bibiri. Hari ukugira amatungo menshi canke kugira ubwenge bwishi. Muribuka none ko yahisemwo ubwenge? Kandi amaze guhitamwo ubwenge, yaciye mu nyuma aronka n’ayo matungo.

Nome mbega murazi ukuntu iyo ngwara yokira? Murazi ko ugishira imbere amatungo y’isi ari ingwara kandi? 

Neza neza, nyaragase muheze muze murazirikana, Psaumes 46 na 49 , muzobonamwo ko haza haragarukamwo ijambo ” Ubwoba” ( crainte), ni ukuvuga nyene ubwo bwoba ”sophophobia” bwinyegeje mu bwigobeko bw’ubwonko, umuntu akumva abura ingoga z’ukwiga kumbe ntamenye ko biboheye mu mutwe.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55