DiplomacyIKIRUNDI_news

#Semaine_Diplomatique2021: Abaserukira ibihugu vyabo bagize ibihe vyiza bariko batembererera Uburundi mw’ijoro

Uwutakuzi ngo ntakurusha inka, aho bavyagiye mw’ihoteli Tropitel y’i Gitega, abaserukira ibihugu vyabo hano mu gihugu cacu c’Uburundi, kumwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu, bavuga ko uko basanze ibintu atariko babiziga.

Aho ni inyuma y’urugendo rurerure rwabakuye i Bujumbura ku bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu no gufashanya mw’iterambere bagaca mu Rutovu aho basiguriwe vyinshi ku bijanye n’isoko ry’uruzi Nil, hanyuma y’aho bajanwa mu Rutana neza na neza i Gihofi aho bagiye kwerekwa uko bahingura isukura mw’ihinguriro Sosumo.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa 29 Ruheshi 2021 bukaba buhwibiye bagiye kuraba irirenga ry’ubwa Nyaburunga i Nyakazu kuri Faille des Allemands aho bahagurutse bumaze guhwibira nk’isaha icumi na zibiri z’umugoroba berekeza ku murwa mu kuru wa poritike i Gitega.

Bakaba bamenyesha ko ari ibihe vyiza vy’icizere ku gihugu c’Uburundi ku bijanye n’Umutekano kuko aho bagenda bukarinda bwira ata gisirikare n’igiporisi cagenda kibacungereye umutekano ariko bagashika ata kibazo bahuye naco canke ngo bahure n’abagizi ba nabi.

Mwomenya ko uwo wari umusi ugira kabiri inyuma y’aho iyo ndwi itangurijwe icese bagatemberezwa mu gisagara ca Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 4