IKIRUNDI_news

Abateguye igiteramo Bruce Melodie yari kuzamwo muri 2018 I Bujumbura agashavu ni kose

Abateguye igiteramo ca Bruce Melodie atakoreye I Bujumbura mu mwaka wa 2018, ngo agashavu ni kose kuba ataco bazoronka ku giteramo Bruce buca akorere hano iwacu.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe nuko abateguye ico giteramo inyuma y’ukwumva ko azokorera I Bujumbura, ngo baramurondeye ngo bagarukane amasezerano bari bakoze, nimba ari amafaranga bongerako bayongereko, uwo muririmvyi ararahira ararengwa.

Ayo makuru ico kinyamakuru gikesha umwe mu bateguye ico kiganiro, avuga ko Bruce Melodie ngo yababwiye ko yiteguye kubasubiza Avance bari bamuhaye, ariko ko batokorana kuko afise iyindi migambi yari yamaze gufata.

Ayo makuru akabandanya avuga kandi ko ngo abo bateguye ico giteramo babazwa n’ukuntu yemera gusubiza amafaranga amaranye imyaka 3.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Bruce Melodie ari mu banyarwanda bitezwe I Bujumbura naho hataramenyekana vyukuri umusi n’isaha ico giteramo kizobera, kuko ariko ategura kuzunguruka hirya no hino kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037