Entertainment

Amicales des musiciens: Ihindagurika ry’amatariki rigeye ryagera ku musozo

Ibiringo vyinshi vyagiye biratangwa ko bizoberako amatora mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi bwaca kabiri ukumva ngo vyahinduwe ku mvo zitandukanye, hakaba harimwo no kuba hari umwe mubitoza atemera uko amatora atunganijwe.

 

 

Ivyo muri AMB vyahavuye bifatwa mu minwe na bamwe baserukiye ubushikirangi bw’imicokama bafadikanije n’umwe mubazokwitoza Cedrick Bangy hamwe na Romeo Ininahazwe asanzwe arongoye iryo shirahamwe vy’imfatakibanza

Bakaba baciye berekana uko bizogenda kugira ukutumva kumwe kwari kwadutse gutorerwe umuti, amatora yitabwe na bose mu mutekano

Igenekerezo ryaciye ritorwa ubwanyuma bafashe ko ari ntabanduka n’igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2022.

Gushika ubu nta ntambamyi turumva mubitoza canke mu bazotora

Hari kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma aho uwuserukira vy’infatakibanza Roméo Ininahazwe yemeza Ko iryo Sango ari ntabanduka agatumirira abakwije ibisabwa kugira batore, ivyo navyo bakavuga k’uruhande rw’intererano uwumaze gutanga amezi 11 ko ariwe azoba ari ku rutonde rw’abazotora.

Hakazoba igihe c’ isaha zitanu zo mugitondo kuri Carnivore bar Muganga Nord.

Twibukanye Ko abitoza ari:
_ Ndayishimiye Bright
_Cedrick Bangi
_Kimana Edith
isango ni k’umusi w’Imana igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2022
tukazomenya uwuzotahukana intsinzi, nawe akazoca atwara imyaka 5 imbere yuko hatunganywa ayandi matora.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332