BurundiIKIRUNDI_news

Masterland avuye muri Mali aho yigiye vyinshi agiye gusangiza abandi

kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022 Ku kibuga c’Indege niho hashika umurwi ugizwe n’urwaruka rusanzwe rubeshwejweho n’impano zabo bafashijwe na PASACC_Bu mu mugambi wabo wogufasha urwaruka mu nkino n’imicokama barabafashije kugenda muri Mali muri forum gusangira ubumenyi n’abandi bavuye mu bihugu bitandukanye.

ku bwa Masterland ngo yahungukiye vyinshi uretseko ko yashoboye no kuririmba, impano yiwe akayigaragaza imbere y’ibihangange bimaze gukora vyinshi mu muziki, ndetse bimaze no kuhungukira vyinshi kuburyo bw’amahera.
Mastland yagize ati:” Naronse akaryo keza ko kwicarana n’ibihangange ntora n’ama contacts.”

Arongera akavuga ko Iterambere aribona imbere yiwe kuko ururugendo rwatumye avugana n’abantu benshi bashobora kumufasha mu buryo bwo kudandaza umuziki wiwe.
Yarangije anashima uko babakiriye nubwo gusigura kuri umuririmvyi wo mu Burundi batashotse bamumenya ahubwo i bikorwa vyiwe bavuyeho babimenye nawe baramumenya.

Yanemeye ko abaririmvyi bagenziwe nabo azobibasigurira uwuzobishima bazokorana muri bwabumwe iterambere rirame mu muziki ndundi,
Umuririmvyi arye kuvyo yabiriye akuya

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 276