EntertainmentIKIRUNDI_news

Esther Nish Kugira anyengetere mu bantu abikesha Kidum

Esther Nish n’umuririmvyikazi akaba n’umucuraranzi w’ ibicurarangisho bitandukanye, bituma ibikorwa vyiwe bibandanya bikundwa na benshi.

 

Ngo umuntu wese agira iyo yavuye muko ashika aho abari ubu nawe ngo arashima aho ageze.

Esther Nish avuga neza ko bitari vyoroshe ko abantu bamumenya kuko ari ugukora yarakora, ndetse n’ama karaoké yarayakora n’uduteramo tubayabaye yaratumirwamwo ariko ngo kuvaho agiriye muri Kenya akaririmbana indirimbo na Kidum Kibido “Umbamwo”, vyaciye vyugurura imiryango amakungu aramumenya ndetse no mugihu c’amavukiro baratangura kumuha ikibanza, impano iragaragara
ari nayo mpamvu ashimira cane Legend Kidum.

umuziki wiwe uramaze gukura s’agaseseshwa rumuri kuburyo n’abaririmvyi bagenziwe basigaye bipfuza kuririmbana nawe, ibiteramo bikomeye aratumirwamwo vyo mu gihugu ndetse
no mu makungu aratumirwa, akarorero n’igiteramo aheruka gukorera Kinshasa muri Congo vyagaragaye ko amenyereye guteramisha abantu.

Ihiganwa rya tunganijwe na Brarundi Primustar yabaye muri 3 bambere atahukana imiriyoni 15
muri Marahaba Festival niho yari yibereye

Muri Kino gihe akaba ariko arasaba abakunzi biwe ku mutora mw’ihiganwa ritegurwa na Radio Isanganiro ryitiriwe Isanganiro award mu ndirimbo ziba zarakunzwe zirenga 100 haratorwamwo 10 zisigara mugice gishira icanyuma nawe kundirimbo yiwe “Come and see ” yatumye aguma muri iryo higanwa hakaba hasigaye kumenyekana uwuzotahukana ikibanza ca mbere.

Mu kumutora wandika igiharuro 1 ugaca wandika muri commentaire “Come and see”
muhe ayo mahirwe ukaba usanzwe ukunda Ibikorwa vyiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332