Uncategorized

Uno mwaka Kigingi Summer Comedy yoba izohava iba?

Inyuma y’igihe Kigingi Summer Comedy itaba, umukinyi w’amareresi avuga ko uno mwaka ico giteramo gikundwa na benshi gishobora kuba kuri ya matariki nyene.

Mu kiyago na Akeza Webtv, uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umwe mu bafashe gutwenza abantu nk’umwuga, avuga ko naho bitama biba nkuko bipfuza, ngo muri uku kwezi kw’umunani ico giteramo kizosubira kandi kikaba.

“Kizosubira Imana idufashije muri uno mwaka, itariki 15 ukwezi kw’umunani. Mu bisanzwe au depart nivyo nari nipfuza, ariko hari igihe ku mwaka ku mwaka, iyo tariki hari igihe iza iragwa imisi itari myiza, ariko nubu tuvyipfuje ni le 15/8, hanyuma aho kizobera muzokimenyeshwa.”

Impamvu zatumye ico giteramo gihora citabirwa n’abatari bake kitaba muri ino myaka ingahe iheze, ngo n’ikiza ca Corona Virus, agatanga akarorero ko mu mwaka uheze, aho bari bamaze gutumira bagenzi babo bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko indongozi zirahagarika ico giteramo ku musi wa nyuma.

Mugenzi Alfred Aubin azwi cane nka Kigingi akaba yizera ko uno mwaka ico giteramo ngarukamwaka cama giha akaryo abasanzwe bakora uwo mwuga hano iwacu bakiri bashasha kwerekana ico bashoboye kizoba.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55