Uncategorized

Nubwo yasavye imbabazi nyishi ntivyabujije ko Olegue ahanishwa umunyororo

Mu makuru yacu twagiye turabashikiriza,twarabamenyesheje ko inkwezi ya vyose ari vidéo yifashe Olegue ari mu mwambaro w’abihebeye Imana wabemera muri Ekereziya katolika arikumwe n’umwigeme bahamagarira abantu kuzokwitabira igiteramo cari kuzobera mu Maramvya ahitwa kuri 15.

Olegue
Yagirizwa na Chef de Zone kumwe n’abamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi Ko yatyoje imico n’akaranga n’ukwemera kwa Ekereziya katorika.

ku mvo z’uko iyo vidéo benshi bavuga ko yarimwo ibiterasoni ivyatumye na Chef de zone wo mu Maramvya ahagarika ico giteramo cari kuba igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2022 kuri Pasika.

Hambavu yo gusivya igiteramo yaciye anafatwa n’igipolice igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2022 acafungirwa mu gasho k’inyamiramabi BSR,
bamwe n’abandi baragerageje kumusabira ikigongwe ndetse nawe ubwiye yarisabiye ikigongwe, ndetse habaho n’abamusabira ko yofungwa.

Muri BSR yari amazeyo imisi 11,

ivyo bigongwe vyose ntamuti vyatanze ahubwo yahavuye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2022
akaba arayeyo ijoro ryiwe ryambere.

Tubibutse ko Olegue atari ubwambere yoba afungiwe muri iryo bohero yarigeze kuhafungirwa yagirizwa gutitura Imico n’akaranga ndundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55