UncategorizedIKIRUNDI_news

# Indundi Sports | Alain Olivier Niyungeko asaba gucungerwa bikwiye

 

 

Umumenyereza wa Bumamuru Fc , Alaim Olivier Niyungeko batazira Mutombola yasavye abajejwe gutwara umugwi Bumamuru wo mu cibitoke y’uko umutekano wiwe wocungerwa bikwiye .

Mw’ikete yaraye yandikiye uwutwara Umugwi Bumamuru Colonel de Police Bizoza Carême yashoboye ku mumenyesha ko amaze amisi aronka ubutumwa bumwereka ko hari abashaka kumugirira nabi , no kumwagiriza ko yoba afise uruhara mu gutsindwa kw’uwo mugwi wo mu cibitoke .

Ivyo vyose vyatumwe no gutsindwa n’umugwi Aigle Noir mu rukino rw’indwi ya 27 rw’ihiganwa rya Primus league , aho abakunzi b’uwo mugwi baciye bamwagiriza ko yoba yahawe igiturire na Aigle Noir kugira aboroheze .

Alain Olivier Niyungeko gushika muri Kano kanya ari mu kibanza Ca mbere muri Primue league akaba kandi yashikanye Bumamuru mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umikuru w’igihugu .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55