Umumenyereza wa Bumamuru Fc , Alaim Olivier Niyungeko batazira Mutombola yasavye abajejwe gutwara umugwi Bumamuru wo mu cibitoke y’uko umutekano wiwe wocungerwa bikwiye .
Mw’ikete yaraye yandikiye uwutwara Umugwi Bumamuru Colonel de Police Bizoza Carême yashoboye ku mumenyesha ko amaze amisi aronka ubutumwa bumwereka ko hari abashaka kumugirira nabi , no kumwagiriza ko yoba afise uruhara mu gutsindwa kw’uwo mugwi wo mu cibitoke .
Ivyo vyose vyatumwe no gutsindwa n’umugwi Aigle Noir mu rukino rw’indwi ya 27 rw’ihiganwa rya Primus league , aho abakunzi b’uwo mugwi baciye bamwagiriza ko yoba yahawe igiturire na Aigle Noir kugira aboroheze .
Alain Olivier Niyungeko gushika muri Kano kanya ari mu kibanza Ca mbere muri Primue league akaba kandi yashikanye Bumamuru mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umikuru w’igihugu .