Uncategorized

Urwevu| Kikubuza gusoma ibitabo kugira kigume kigukandamije!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira

Gifise isanamu nk’iy’umuhanuzi, mu buryo bw’impwemu; Igitabo. Gutyo , Umwanditsi rero nawe  araheza akitwa umuhanuzi. Iyo abaye umuhanuzi naho, aba abaye umurongozi. Uzoba uriko urayoborwa n’uwe wese uriko urasoma ivyo yanditse.

Umuyobozi mwiza nawe ni we mubohozi. Ajejwe gukura abantu mu mwiza , harya mu bubande, akabudugana ku misozi ahakirurutse , ku masonga, aho baheza bakamurikirwa, uretse ukubona aho bari gusa, maze ahubwo bakarenza amaso imirambi bakabona n’iyindi misozi.

Nta kabura imvo! Aho uri uwu musi, hari igituma uhari. Ico naco kikurerekeye aho nyene, ntigishaka ko wocaruka ngo woye guhava wotereza amaso ahandi hirya. Uhave uca urwevu.

Ico gishogisho rero nico bita ” ikiburabwenge” muzoheza mugisange aho kivurwa muri bibiriya, amazaburi ya 14, akarongo ka mbere, Izaburi ya 39 , akarongo ka cenda, hamwe na zaburi ya 53 , akarongo ka mbere.

Uretse n’ibitabo vy’Imana gusa, ico gishogisho, kirarahira kikarengwa ko utokironkana ubumenye buruta ubwo cakugabanirije kugira gusa kigume kigukandamije. Akazi kaco rero ni ugutera ubunebwe mu bijanye n’ukurondera ubumenyi.

Ugusoma mu buryo bw’impwemu bifashwe ni ugufata urugendo. Ba sokuru baymaze bati ”Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze”. None wumva cokureka gute ngo uguruke kandi gutyo woba ugicitse?

Ugusoma igitabo rero bigufasha kuguruka nka kurya kw’akanyoni, maze ukarenga imisozi urenguka , ukazoteba ukabona iyo bweze. None si Ba Sokuru bacu bayamaze kandi bati ” Ubwenge burahurwa”.

Uwanka ko umenya, ni uwugehenda ngo urazi! 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55