IKIRUNDI_news

Big Fizzo azohava agirako nk’umuryi w’igisahira mu gutera imigere ibiri nk’abakinyi ba Karate?

Agahengwe ngira karaheza kaboneka mu basanzwe bakurikiranira hafi urugendo rw’umuririmvyi Big Fizzo mu gihugu ca Tanzania, aho amaze imisi abarizwa kubera ikorwa ry’ireresi A LIFE TO REGRET.  Bamwe bakaba bariko bibaza ico uwo muririmvyi ariko arakora mu gihe amazeyo imisi kandi ata gikorwa na kimwe ariko yerekana ko amaze gushikako.

Mu masaha y’umuhingamo ashira umugoroba w’uyu musi wa gatanu, mu gihe Tanzania yari ihanze amaso ifubwa ry’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu, Umuhisi Dr. J.P. Magufuli, Uburundi nabwo imitima iri mu kirere kubera urukino rwahuje Intamba mu rugamba na Centre Afrique, urubuga rwa Facebook rwa BJB Films iriko irategura ireresi Mugani yajanywe n’ugukina muri Tanzania, rwashizweko amashusho abonekamwo Big Fizzo hamwe n’abandi bantu bashobora kuzoboneka muri iryo reresi.

Ayo mashusho yaherekejwe n’amajambo aho bamenyesha ko Mugani n’abandi bariko barakora imyimenyerezo y’iryo reresi azohuriramwo n’inararibonye muri uno muziki wa Africa, Awilo longomba. Bikaba vyabonetse ko bariko barasoma banafatwa amajwi.

Ayo mashusho akaba asohotse inyuma yaho hasohokeye amashusho atandukanye yerekana Big Fizzo ari mu bibanza bitandukanye, aho yabonetse yakiriwe n’abantu batandukanye barimwo ibihangange mu muziki muri kano karere nka Jose Chameleon, yari yajanywe muri Tanzania n’ugusezera umuhisi J.P. Magufuli, Pallasso, TID, Mkombozi co kimwe n’abandi batandukanye.

Bamwe mu bafana b’uwo muririmvyi bakaba babona ko ugukorana n’abandi baririmvyi b’ibihangange  muri kano karere ari kimwe mu bintu vyobanezera cane, kuko kanatsinda aho hambere ngo bari musi yiwe none ubu baramusize cane. Bamwe bo bakaba banavuze muri commentaire ku rubuga rwa Facebook rw’uwo muririmvyi ko bari mu bandi bumva isoni ry’ukwitwa abafana biwe.

Ariko naho imyidogo ari yose muribo, uwo muririmvyi ntahengeshanya kubivuga mu biganiro bitandukanye aho aciye ko adashima gukora indirimbo zitagira iyo zizomushikana, kuko ashima gukorana n’uwo abona ko bazofashanya kumenyekanisha indirimbo bazoba bakoranye.

None umenyera azohava agirako nk’umuryi w’igisahira, atera imigere ibiri nk’abakinyi ba Karate kugira hampande y’iryo reresi ajanywe n’ugukina muri Tanzania azoce aza atuzaniye igikorwa gishasha? Reka tubihe akanya turabe ikizovamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021