Inkino

# Diaspora | GLM Soccer yamaze gushika i Dallas

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Gitugutu 2020, niho indege yari ireruye Umugwi GLM Soccer wo muri Arizona uhurikiyemwo abarundi benshi bari muri diaspora  , aba Congomani abanya Rwanda, ndetse n’abanya Tanzania yashika i Dallas muri Reta zunze ubumwe za America.

Nkuko tubishikirizwa n ‘ umuvugizi w’uwo murwi, i Dallas hategekanijwe inkino zigera kuri zine, za kivandimwe na African Union Soccer Club .

Mu kiyago gito uwo ari mubashinze GLM ( Great Lakes Mix )soccer iramutswa n’umurundi Pasteur Bagenzinikindi, bwana Moji yavuze ko berekeje i Dallas ari imigwi ibiri, umugwi umwe wafashe indege isaha 10 zo mugatondo ko kuri uyu wa Gatanu uhagarikiwe Sadam Igo ariwe kizigenza , Umugwi ugira kabiri uza guhaguruka isaha 12 z’umugoroba urongowe na Moji hamwe na Acheni Nduwimana.
Nayo indege yabajanye ikaba ariyo mwi kompanyi America Airlines .

Mwomenya ko African Union Soccer Club ugiye gutana mu mitwe na GLM ari Umugwi wa Diaspora y’abarundi baba mu gisagara ca Dallas .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021