Mu gihe vyari bizwi ko Uburundi butegekanya gukina urukino rwa kivandimwe n’igihugu ca Egypt mu kwezi kwa Ruheshi igenekerezo rya 03 umwaka wa 2021, urwo rukino ntirukibaye.
Imvo yatumye urwo rukino rutaba ni uko inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera itike ryo kwitabira inkino z’igikombe c’isi zungururijwe mu kwezi kwa Gitugutu , ivyo bikaba vyaciye bituma urwo rukino rusiba .
Mwomenya ko Intamba mu rugamba zitakiri muri izo nkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike ry’igikombe c’isi aho zasezewe na Tanzania .