homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu| Urazi amasaha urangije kuva uwu mwaka 2019 utanguye?

Abantu kenshi iyo turabazwa igihe tumaze kw’isi duca twishura dukoresheje igipimo, “umwaka”. Ico rero cahavuye kiza kumata mu mutwe gushika aho umuntu yibagira ko imyaka amaze ari ikirwi c’amasaha amaze kuri ino si, canke mbere iminuta canke imisegonda.

Ariko weho ko umaze gufata ingingo y’ugushika kw’isonga, kuva uwu musi hindura, uko uvyutse mu gatondo, wibuke isaha umaze kuri ino si. Ivyo bizoheza bikangure ubwonko bwawe, maze wumve ko isaha iheze ata ntambwe uteye uba uriko urasubira inyuma.

Wame uzirikana ko umusi wawe ugizwe n’amasaha 24 kandi isaha yose igiye utazopfa usubiye kuyikubita ijisho na rimwe, kandi wibuke ko uko umwanya ugenda, ariko nawe ugenda!

Fata ingingo y’uko imbere y’ukuryama woba ufise agakaye aho wandika ico isaha yose wayikoresheje. Ukabitangura bizohindura ubuzima bwawe. Maze uwu mwaka uzohera uheze umenye uti, kino gikorwa ndiko ndakora kizonjana ku masonga nagishizemwo umutahe w’amasaha angana ayaha. Abahinga barihweje basanga ino si tubako itwarwa n’amateko ( lois naturelles) ntabwo itwarwa n’imigisha( les chances). Imbuto utera niyo imera. Uwo mwanya wawe uzomenya gute imbuto wawuteyemwo utawufashe mu minwe?

CA URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691