Inkino

Football : Ntibazonkiza yaraye ababaye mu rukino rwabahuje na Aigle Noir

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 08 Ntwarante 2020, niho umugwi wa Aigle Noir The Fighters wari wakiriye umugwi wa Vital’o Fc mu rukino rw’indwi ya 24 y’ihiganwa rya Primus league, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi ibiri inganije igitsindo 1-1.

Ibitsindo vyose vyinjiye mu gice ca mbere Saido Ntibazonkiza akaba ariwe yatsindiye umugwi wa Vital’o Fc mu gihe ica Aigle Noir catsinzwe na Asman .

Mu ntango zo mugice cakabiri kizigeza w’umugwi wa Vital’o Fc yarababaye abaganga baragerageza kumuvuga ariko biranka bituma asubirizwa n’uwundi mukinyi.

Biravugwa y’uko uyo kizigenza w’umugwi wa Vital’o Fc ashobora kubura mu rukino rwo gusubiriza rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu ruzobahuza n’umugwi wa Garage Fc kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ntwarante ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037