homepage

Ugufatana mu mugongo hatarabwe amadini

Nk’uko tubikura ku rubuga ngurukanabumenyi rw’i radiyo RTNB y’Igihugu cacu , ejo harangiye Igenekerezo rya 14 Nzero , umunyabanga mukuru arongoye ishirahamwe ry’ab’islam kw’isi yitwa
Mohamed Ben Abdoul Karim Al Issa  yari yararamutse agendera ikigo kirongowe n’ababikira citwa
Hospice Sainte gisanzwe rero gifata mu mugongo abageze mu za bukuru ataco bacishoboje kubera uburemere by’imyaka.

Mu gushimangira ico kimenyetso c’uko umuntu, mu buntu bw’iwe ari umwe hatabanje kurabwa bino canke biriya bijanye n’ukwemera kwiwe, uwo mu Nyamanga mukuru yarongeye arashikiriza ico kigo akaganuke kagizwe n’ibifungurwa bigizwe n’ifu ry’ibigori, umuceri hamwe rero n’amavuta azokooreshwa mw’itegurwa ry’inkozo.

Hejuru y’ivyo kandi yaramenyesheje ko ugufata mu mugongo ico kigo bitarangiriye aho, nyabuna ngo akazokwama akigarukirako kuko nk’uko yanabigarutseko, yamanyesheje ko umwe mu migambi iryo shirahamwe rifise ar’ugufatana mu mugongo abatishoboye atakindi hatabanje kwihwezwa ihengamiro ry’abo mu kwemera Umuremyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686