homepage

Sat-b ngo kuri Podium na Diamond ntiyomukanga, bohangana

Ata kurya umunwa, Sat-b avuga ko uburyo atambamwo na Diamond ataco afise yomukangisha, ngo bohagarara hamwe.

 Sat-b ngo muri kano karere nta muririmvyi yomukanga bagere kuri Stage bariko baratamba, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiyago yagiranye na Indundi Tv.

Aganira n’iyo mboneshakure, Sat-b yavuze ko igiteramo ari uburyo bwiza abakunzi b’ibikorwa vyiwe babona kugira ababashe kumubona uko baba bavyipfuza. Yanagiriyeko avuga ko asanzwe ari umutamvyi mwiza cane, ngo ico gikorwa uburyo agikoramwo na Diamond ngo ntaco amukangamwo. Ico kiganiro yagiranye na Indundi Tv, akaba yaragamije gutumirira abarundi kuzokwitabira igiteramo ciwe kizoba kuri uyu wa 27 nzero mu kanyosha, aho avuga ko azoba arikumwe n’abaririmvyi bagenziwe barimwo abari muri Label yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686