Inkino

Umumenyereza wa Garage Fc yaraye yidogeye umuhagarikizi

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante isaha indwi 13h00 ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega niho umugwi wa Garage Express Fc wo mu cicaro cakabiri wari wakiriye umugwi wa Vital’o Fc mu rukino rwo gusubiriza rw’igice 1/8 gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu, urwo rukino rukaba rwarangiye Garage Express Fc utsinzwe na Vital’o Fc ibitsindo 3-1.

Inyuma y’urwo rukino bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru bararonse akaryo ko kuyaga n’Umumenyereza wa Garage Express Fc yitwa Zoulou kugira asigure ico yabuze kugira atakaze urwo urukino .

Zoulou akaba yishuye ati ” Abakinyi banje babuze ubukomezi abana bari bagerageje kubera bakiri bato ntibigeze babona y’uko ari urukino rusanzwe bumvise Vital’o Fc batangura guhema mugabo rero tugiye no kuraba ingene urwo rukino rwahagarikiwe jewe sinshimye umuhagarikizi “.

Abajijwe impamvu yatumye azibira mu gice ca kabiri akaba gishuye ati” nari nababwiye basatire ariko bobo bagiye kuzibira mugabo n’umuhagarikizi yabazibiriye kubona umukinyi afashe umupira n’ukuboko hafi ya Surface hama umuhagarikizi ntavuge ko ari ikosa kandi yari hafi y’ivyabaye je nibaza y’uko tuzotera imbere dutevye mu Burundi “.

Mukamenye y’uko uyo mumenyereza Zoulou mu rukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura aho yanganije na Vital’o ibitsindo 2-2 yavuze y’uko umugwi wa Vital’o Fc atabwoba umutera aranavuga y’uko azowusezerera mu rukino rwo gusubiriza ariko vyaraye bimutayeko kuwamazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037