homepage

Rivaldo yoba agiye kwerekeza muri Maroc

Naho umurwi wa Chabab Mohammédia wo mu cicaro ca 1 muri Maroc wemeza ko agiye gutangura kumenyereza uwo murwi, Rivaldo we avyamirira kure.

Mu gihe vyavurwa ko uwahoze ari umukinyi w’imirwi nka Deportivo, Ac Milan canke Fc Barcelona, Rivaldo Ferreira agiye kwerekeza mu gihugu ca Maroc, iyo nkuru yahavuye ayibeshuza.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, twabashije kubona, iyo nararibonye mu mukino w’ugutera agapira avuga ko ata kazi k’ukumenyereza uwo murwi wa Chabab Mohammédia, uri mu cicaro ca gatatu uri ico gihugu ca Maroc, arabasha guhabwa ariko akavuga bishoboka muri kazoza.

Uwo mukinyi uno musi ari umukuru w’umurwi wo mu gihugu ciwe c’amavukiro, Bresil akaba akwije imyaka 46 y’amavuko, akaba yahagaritse ugukina mu mwaka wa 2015 aho yarasigaye akinira uwo murwi asigaye abereye umukuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686