Inkino

Emery Kadogo arashima FFB ku mbabazi yabagiriye

Uwahoze ari Umukinyi wa Athletico Onlympic na Vital’o , Nimubona Emery Kadogo arashima ingingo yafashwe na FFB yo kubagirira ikigongwe bakabona gusubira mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba igihe Umumenyereza azokwiyumvira kubatumako .

Aganira na Indundi TV yagize ati” Ingingo FFB yafashe  nayakiriye n’umunezero mwinshi cane , narigeze kubivuga n’ubwa mbere ni abavyeyi kuko umwana akoze ikosa Umuvyeyi ntaca amwirukana , Umuvyeyi yama ari Umuvyeyi imisi yose “.

Emery Kadogo ari mu bakinyi bahanywe na FFB mu mwaka wa 2015 kumvo zo kubura indero co kimwe na Saido Ntibazonkiza hamwe na Mutoyi wiwe Steeve Nzigamasabo .

Ni umwe mu bakinyi b’abarundi bakina inyuma bafise Experience bivanye n’imigwi amaze gucamwo.

hampande yo gukina mu Burundi mu migwi ya Athletico Academy hamwe na Vital’o Fc amaze no gukinira,Simba sc wo mu gihugu ca Tanzania hamwe n’imigwi ya Bugesera Fc na Police Fc yo mu gihugu c’Urwanda.

Mukamenya ko muri kino gihe asanzwe akina mu mugwi wa Bukavu Dawa wo mu gihugu ca Repubirika iharahanira demokarasia ya Congo muri kino gihe umenyerezwa n’umurundi Amars Niyongabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037